
Kayogoro: ivyo gutangishwa amahera mw’ ishengero rya Eusebu vyahagaritswe kubera bisa no kudandaza ivyubahiro.
Ayo mafaranga yari yategetswe ko atangwa n’ abakirisu bo mw’ ishengero rya #Eusebu, mu bubwiriza bwa #Kididagi. Ni muri komine Kayogoro mu ntara ya #Makamba.
Ababwiriza batatu ba mbere bari bategetse ko hatangishwa amafaranga abakirisu kugira ngo bagurirwe imodokari zo mubwoko bwa #V8, bagasigura ko izo bafise zitabakwiye.
Iyo ngingo ntibayihurijeko na bamwe mu bapasitori, mbere inatera impari mu mashengero ari muri ubwo bubwiriza.
Amakuru twaronse n’ uko bamwe mu bakirisu babwiye abo babwiriza ko nimba bagumye kuri iyo ngingo ahubwo boca basubirizwa.
Mu nama yabaye ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu, abakirisu bamenyeshejwe ko iyo ngingo yo gutangisha ayo mafaranga ihagaritswe.
Iyo nama yakoreshejwe n’ abo nyene barongoye misiyoni ya Kididagi.
Mu makuru yacu aheruka twari twababwiye ko hategerezwa kwegeranywa imiriyoni zirenga 250 kugira ngo hagurwe izo modokari zibiri. Ivyo, umwungere wa mbere tubimubajije ntiyabihakanye.
Abakirisu bakaba biruhutsa. Basigura ko batumva ukuntu botozwa amafaranga, kandi na bo nyene, bari mu bukene budasanzwe.