

Hari ingona irembeje abantu muri Komine Nyanza-Lac
Iyo ngona iri ahitwa mu Kidubugu, kumutumba wa Bukeye. Imaze gukomeretsa abantu babiri mw’iyi misi ibiri gusa nk’uko amakuru ava aho abivuga. Itegera abaza kuroba aho mukidubugu kandi ntitinya kuko igira ahabona.
Uwo yari ifashe uno musi mugatondo, ngo iyo abantu bataba hafi ngo bayitere amabuye , ibara ryari kugwa. Hakaba hari mubucagucagu aho yamufashe ukuboko igafatana n’izosi. Abo bose uko ari babiri bakaba bariko baravurirwa aho i Nyanza Lac.
Abenegihugu basaba abarongoye kugabisha n’abava kure baza kuroba aho mukidubugu ko bohagarika, na canecane abana.