Uburundi bg’Isezerano ni isezerano rimwe ihanga ry’Abarundi bahawe n’Uhoraho Imana.

Abakunzi b’Uburundi bg’Isezerano niho duserurira ivyiyumviro vyo gukunda igihugu ciza cacu c’Uburundi, ururimi rwacu rwiza rw’Ikirundi, Abarundi benewacu no kugarukana Imana y’ubushobozi mu mitima y’Abarundi. Hari vyinshi vyo kwigishwa ku dusozi indwi tugize amabanga y’igihugu uwariwe wese anezerererwa:(1) Kwubakira igihugu guhera ku muryango, (2) Intwaro ihumuriza bose (3) Ubutunzi n’iterambere (4) ukwemera Imana ikora (5) […]