

🪑 Ishure shingiro ya #Bubanza 1 haribonekeza ubukene bukabije bw’intebe zo kwicarako. Mu gihe bari mu bibazo vy’igice ca 2, abanyeshure bakora bicaye hasi
🏫 Uretse ko impuzu zihacafurira bakamesa kenshi, no kwicara bandikira ku mavu rupapuro ntibiborohera. Abigisha bamenyesha ko ubwo bukene bwibonekeza kuva kera kuri iryo shure riri iruhande y’ubuyobozi bw’indero DPE , ni ku metero 100 uvuye kubiro vya province Bubanza
✍🏾 Uwahoze ari umuyobozi w’iyo shure shingiro aremeza ko ubwo bukene buhari kandi ko ama raporo yatanzwe
🔴 Ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Bubanza burabeshuza amakuru yatanzwe na #Jimbere avuga ko abana bo kuri Ecofo_Bubanza1 biga bicaye hasi.
Nk’uko umuyobozi w’indero mu ntara ya Bubanza #Claude_BADUGARITSE yabiyagiye ikinyamakuru #USAD_BURUNDI, ngo ifoto babonye yafashwe mu gihe abana bariko barakora ikibazo, kubera basanzwe bicara ku ntebe kuva kuri batatu ngo mbere na bane baricarana , ngo vyatumye mu gihe abo bana bariko barakora ikibazo, umwigisha yavuye ku rindi shure aje gucungera ingene ikibazo gikorwa, yaciye ashima kubakoresha bicaye batandukanye ,ku ntebe hakicarako babiri abarenzeko aca abicarika hasi kugira ngo ntibarabanireko. Uwo murezi ngo akaba yabikoze atabanje ku bimenyesha ubuyobozi bw’iryo shure kugira burabe ko bumuronsa izindi ntebe ngo abana bakore bicaye neza canke ngo bakore mu mirwi.
👉Ivyo bibaye mu guhe iryo shure rya #ECOFO_BUBANZA buca rishikirizwa ku mugaragaro intebe zishika 100 ku musi w’ejo , izo ntebe zikaba ziri ku metero 20 uvuye kuri iryo shure. Intebe zo kwicarako abana b’ishure zoba zikwiriye mu gihugu cacu? Abigisha n’inyigisho zitangwa vyovyo bimeze gute?