Umutumiro w’amasengesho yo kuwa 01/03/2023 yo gusambura imbaraga z’amangetengete mu gihugu cacu c’Uburundi.

UMUTUMIRO W’UMUNSI WO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI NGO INKOTA Y’UHORAHO YURURUKE KU BAROZI

Hariho ibintu biteye isoni mu gihugu cacu. Ivyo navyo n’ingene abarozi bari mu ntara zose, ama komine yose n’amazone yose agize igihugu cacu kandi bakirirwa bariha inkumbi mu bana, mu rwaruka no mu bahumure.
Abaganza bo mu gihugu no mw’ishengero ataco babikozeko, abera b’Imana dutegerezwa guhagurukira ico kibazo kuko twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo no kucikisha ubusa ubushobozi bg’abarozi.
Mu barozi harimwo abakuru n’abato, aboroshe n’abahambaye. Harimwo abanyamigambge n’abanyepolitike, abanyamadini n’abanyamashengero buzuye impwemu ya satani yo gukoresha amangetengete kugira ngo baganzishe umwijima abo barongoye; n’abandi bafise ububisha bgo kwica abana, urwaruka n’abandi.
Nico gituma duhamagarira Abizera Umwami n’Umukiza Yesu Kristo bose guhaguruka kur’iri genekerezo rya 1/03/2023, gusenga tudodora mw’ijuru kugira ngo ya nkota y’Uhoraho yururukire kur’abo bantu bose basibije igihugu cacu ciza c’Uburundi. Ukuboko kw’Inkomezi kw’Imana Nzima kwururuke gukura icumu ry’abanyakibi mu mugabane w’abagororotsi. Abasenzi bo bazomara iminsi 5 mur’ayo masengesho. Ni murabe ivyo tuzosengera n’imirongo tuzokwishimikiza kuri ayo mashusho.
Kaze mwese dusengere ubgoko bg’Imana.