
DUKORA IMIRIMO IMWE MUGABO NTIDUFISE INGERO IMWE. UTAMEZE UKO IMANA IGOMBA ATAMIRA UBUSA.
Mwirinde ibintu bisayangana kuko vyose si inzahabu. Kandi mwirinde kwama mwihuta gucira imanza aba na bariya. Ubgo ni ubgenge buva k’Uhoraho Imana.
Hariho umunyeshengero yagiye mu masengesho afise ikibazo kimwe gusa. Yasaba Imana ayibaza igituma hariho abakorera Imana kandi badatunganye.
Hariho benshi bavuga ubutumwa, abaririmvyi, abasenzi mbere n’abavugishwa mugabo ari abanyavyaha. Abagabo b’ababeshi, abasambanyi, abasuma, abishira hejuru, abanyeshari,…Hariho abakenyezi bifata nk’abo mw’isi n’imigenzo yabo ari iyabanyavyaha ariko abo bose bagakorera Imana kandi nayo ikabareka.
Imana yamwishuye iti: « Mwana wanje, wewe ubonye abantu bitumira bakaza bazanye amasuka kukurimira kuri gusa bagaca bitahira, wobatesha? Urabareka bagakora kuko atampembo bagusaba. Nabo ubona bakorana ivyaha, bihoze kuko bakorera ubusa. »
Muntu uri mumurimo w’Imana waritumiye, ukorera amaronko yawe, naho woba usengera abantu bagakira, naho woba uvuga ubutumwa abantu bagakizwa, naho woba uvugishwa bigaca bisohora ; utihanye ivyaha vyawe, ngo uhonduke wezwe maze ngo umere uko Abera b’Imana bameze; uriko uratamira ubusa kandi umugabane wawe ni ukuranduka.
Mwisuzume, umwe wese yezwe kuko Umwami Yesu araje gushitsa ico yasezeranye.