Ni dukunde kandi dusengere Uburundi bg’Isezerano dutunganye.

UGUKUNDA UBURUNDI BG’ISEZERANO NO KUBUSENGERA NI IGIKORWA C’ABEJEJWE.

Abantu benshi biyumvira ngo kuvuga canke ukwizera Uburundi bg’Isezerano ni ukwifatatanya n’ivya politike canke ivyo kurwanya ubutegetsi bg’igihugu. Haba namba, abo ni abantu bihenda canke bahendwa n’uturwiturwi twagomvye kwiyitirira canke gufatira kw’Ijambo Uhoraho Imana yavuze ku gihugu c’Uburundi kugira ngo ducuvye canke dutirure umugambi w’Imana wo kugirira neza igihugu cacu.
Turetse ivyo igihugu, ijambo ry’Imana ryo nyene rigizwe n’Isezerano rya kera n’Isezerano rishasha. Ubgo bguzure bgose uko ari bubiri bugize igitabo kimwe c’Ijambo ry’Imana citwa Bibiliya Yera. Ico gitabo cose gikubiyemwo amasezerano 8.810 kandi muriyo 7.487 yiviriye mu kanwa k’Uhoraho Imana. Hariho n’ayandi masezerano menshi Imana isezeranira umuntu ku giti ciwe canke ku gihugu iyo abantu bagororokeye Uhoraho Imana.
Bagenzi, umuntu wese yihane icaha cose, yezwe hanyuma tubone guteramira Uburundi bg’Isezerano nk’uko duteramiye ukuja mw’ijuru kubana n’Imana.