Burya turakeneye Uhoraho Imana gusumba ibindi vyose kugira ngo ibanze iduhindure.

IHANGA RYACU RY’ABARUNDI RIKENEYE UHORAHO IMANA KUGIRA NGO RIKIRE.

Hari benshi uvuze yuko dukeneye Imana bakwishura yuko Imana tuyifise ahubgo tubuze amafaranga. Aho baba biyumvira buhoro. Kugira Uhoraho Imana mu gihugu ni uguhinduka mu mitima yacu no mu ngeso bigatuma dukunda abandi, dufashanya, duteza imbere igihugu cane tukanakiraga kazoza keza.
Tuvuze Imana ca uja mu madini n’amashengero urabe ibihakorerwa, uje mu banyepolitike n’abarongozi b’igihugu urabe imico n’imigenzo yabo ibonekera muvyo bakora. Uca usanga bose hamwe naho boba bavuga yuko bashize Imana imbere ahubgo yuko bayirukanye mu gihugu.
Kuzana Uhoraho Imana mu gihugu si ku karimi kandi si mu masengero, ni uguhinduka mu mitima, mu ngeso no mu vyiyumviro maze tugasanga twese twubahiriza amabgirizwa y’Imana n’ay’abantu mu mwidegemvyo.
Birashoboka yuko tuba Ihanga ritagira amacakubiri y’imigambge, y’amoko, y’ amadini n’intara maze tugashira ivyiyumviro ku biteza imbere umuryango uwariwo wose kandi tugatumbereza ibikorwa vyose ku guhindura igihugu cacu. Mu myaka mike cane Uburundi buzoca bucika igihugu gihurumbirwa ku buryo atawuzosubira kwipfuza kuja kuba mu bihugu vyo hanze, mu mahanga. Dukeneye Uhoraho Imana kugira ngo duhinduke.