Umwe wese arakwiriye kugira intumbero, urwerekezo, umuvyeyi n’umufasha.

BURYA ABANTU BENSHI MU BUZIMA BICIRWA NO KUTAGIRA INTUMBERO CANKE KUTAGIRA UBEREKEZA KU NTUMBERO NZIZA.

Kugira ngo ugire kazoza keza utegerezwa kugira ukwerekeza kur’ako kazoza. Ukubera akarorero, umuvyeyi, umwigisha n’uwugufasha kugagishikako. Iyo ubuze ico citegererezo ubuzima bgawe buca bubura intumbero. Ivyo nivyo vyashikiye abantu benshi mu gihugu cacu muri kahise no muri kubu.
N’igihugu iyo kibuze indongozi nzinza kiguma mu ndyane, mu bukene, mu macakubiri n‘abenegihugu bakabura ayo bacira n’ayo bamira. Umuntu wese ugasanga aguma akwega yikwegerako aho kuraba kazoza ka bose. Impanuro nziza tuzokura ngaha zizofasha benshi kugira intumbero y’ubuzima no kuronka uwukwerekerekeza kur’iyo ntumbero mu kumenagura umunyororo iboshe abantu.