Iganuke ry’ijuru ry’iy’indwi ku barindiye amasezerano
UMVIRIZA IMIRINDI YO GUTABARWA Y’INGABO Z’IJURU ZIYOBOWE N’UMWAMI N’UMUCUNGUZI WACU YESU KRISTO Ntuterwe ubgoba n’ivyo ubona, ivyowumva n’ivyiyumviro biteye ubgoba.Ntuterwe ubgoba n’ubukene, inzara , amapfa , ingwara n’ibindi vyugarije imiryango.Ntuterwe ubgoba n’intambara, uruvugo, ibimeze nk’imisozi n’ibitandara.Mw’ijuru dufise Uhotaho Imana yumvise ugutakamba kwacu kandi amanukanywe no kudutabara.Soma neza iryo ganuke ry’ijuru twarungikiwe ryo muri iy’indwi ukurikize […]