
Inzara n’amapfa ni kimwe mu bimenyetso vyavugishijjwe ku banyamasengesho yuko bizobaho imbere yuko abarundi bogorora bakaba mu gihugu c’isezerano.
Abantu bose baba ngaha mu gohugu c’Uburundi barazi yuko imfungurwa za kenye ibintu bikazimba. Bamwe bavuga yuko vyavuye kw’isekeza ryo gutema ibiti ( imikaratusi n’amashamba) vyatumye imvura ibura mu gihugu. Abandi bagira bati ni itunganywa rike vy’ibisata vy’ubumenyi. Ico bose bahuriyeko n’uko babona yuko hariho inzara mu gihugu c’uburundi.
Hari uwiyumviriye ari mweho muharurira gute iminsi 30 yo kubaho ku badafise imishahara canke abafise imishahara ibayabaye. Yagize ati:” Mbega mweho mubigenza gute muri 30jrs zigize ukwezi ngo zihere?
Aha twibajije kubofungura ibitarenga 1kg. Ufise beshi Aho?
1kg c’umuceri wamake 3250fr×30jrs=97500fr
1kg c’ifu y’ibigori 2500fr×30jrs=75000fr
1kg ibiharage 2400fr×30jrs=72000fr
5L z’amavuta 23000fr
1kg umunyu= 1200fr
Isabuni za 500fr
Igitunguru 50fr×30jrs=15000fr
Irengarenga za 500fr par jrs ×30jrs =15000fr
Itomati zagasosi, 200fr×30jrs=6000fr
Amakara 2000fr×30jrs= 60.000fr
Total 426.200fr bu
👆🏽 Ubwo ni ubuzima buto dufatiyeko ibirungo ntubimbaze kuko yoca aba meshi.
Ubona uzokwiza kuri hamwe witeze?
Reka rero nkwingige, 🧎🏻♂️ senga Imana itange invura turime twimbure ibintu vyoye kuduga uku tubibona. Kuko Aho tumwe tundi twankenerwa, ntatwo twavuze.
Mana tugirire ikigorwe.