
Akarorero kamwe muri twinshi mu biriko birabera mu ngo nu gihugu cacu aho abantu biyahura ku rugero runini abandi bakica abo bubakanye ku buryo buteye ubgoba.
Nguku uko uko uwanditse uru rubanza yiyumvira:
Yicishije amenyo umukenyezi wiwe !
Sentare Nkuru ya Makamba yashashe mu ntahe y’ikibiriraho ku wa mbere (20.11.2022), iraheza icira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose uwitwa Ernest Ndayitabariye ava ku mutumba wa Sampeke muri komine Kayogoro. Ernest yagirijwe ko yishe umukenyezi wiwe mw’ijoro ry’uwa 18.11.2022. uburyo yamwishemwo burarengeye ubwenge bw’umuntu : yamwicishije amenyo yamushinze mu muhogo !
Mu ngo z’abarundi hasigaye hari urugero rw’ubwicanyi rudatahuritse. Abatwara igihugu, abarongoye amashengero, amashirahamwe yigenga, abahinga muri za kaminuza mu vyigwa vy’imibano (sociologie) n’inyifato (psychologie) barakwiriye kuja hamwe bagatanguza umugambi udasanzwe werekeye ingo. Abagabo barica abagore babo, abagore barica abagabo babo ku rugero rutari rwigere ruboneka mu gihugu. Kandi bicana nabi cane. Biva kuki ? Hahindutse iki ? Habuze iki ? Vyokingwa gute ? Mbega no hanze y’Uburundi, ingo z’abarundi zoba zisigaye zimeze gutyo canke bibera mu Burundi gusa ?