Burira anti-Kristo yuko igihe ciwe mu burundi kirangiye.

MWIGISHE ABO BAVUGA YUKO KRISTO BATAMWEMERA BAZIMURUKE KUKO BARASUTSWE NA SATANI

“Nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma.” 2 ABITESALONIKE 2:11
Aho rero ko tuguma tubahanura ntibumve, Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, azoca abarungikira ubuzimire bubagumenwo gushika baciriwe kw’iteka. Ni mwitandujanye n’abo bigisha b’ibinyoma n’inyigisho zabo zose.
Abo ni ba Anti-Kristo bavyemera canke batavyemera baragowe kuko Kristo ni Mesiya, ni Uhoraho. Abo nabo bisobetse mw’Ihanga ryacu ry’Abarundi bavuga KRISTO MESIYA UHORAHO nabi bagiye kuranduka ntibazo mu masezerabo y’Abejejwe.
Yesu Kristo yamamare, Amen!