Musome ijambo ry’Imana kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho z’ibinyoma.

MWIRINDE INYIGISHO Z’IBINYOMA ZIVUGA NGO NI MUJE AHA GUTEGERERAHO UMWAMI YESU KRISTO.

Uwo mugwi Mubona n’uw’abantu bafatiwe muri commune KIGAMBA, bose bava muntara ya Cibitoke muri commune Rugombo,bakavuga ko baje kurindiriraho umuzo w’umukama. Mukanya leta iza gukora igikorwa co kubasubiza iwabo.
Igihugu cacu kirageramiwe n’impwemu z’ubuzimire kuko si iryambere abantu badukwamwo n’inyigisho z’ibinyoma bamwe bagakurikira umuntu ngo ni icariho ca Yesu Kristo, abandi ngo Yesu Kristo ntabaho, abandi ngo bagiye gutegerera Yesu Kristo ku musozi uyu canke uriya, aba bakiyimika, bariya bakizera ibintazi.
Aba malayika baremesha intumwa bavuze yuko uko Kristo Yesu agiye mw’ijuru kandi yuko ariko azogaruka [Ivyakozwe n’intumwa 1:11]
Igihe co kugaruka kwiwe ntazoza mw’ibanga nkuko bamwe babivuga ngo bazokwumva inzamba yo mw’ibanga, izo ni inyigisho zazanywe n’amadini. Igihe co kugaruka kwiwe amaso yose azomubona yururutse kubicu. [ Ivyahishuriwe Yohana 1:7] Azoba yitwikiriye icubahiro ciwe cose c’ubu-Mana [ Matayo 25:31]
Abo bantu bose bakomeza kuguma bajuragizwa n’inyigisho z’amadini n’abandi bigisha b’ibinyoma, ni bame basoma ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera kandi basabe guhishurirwa na Mpwemu w’Imana kugira ngo bareke kuzimizwa n’abantu. Kugira ngo bamenye uko Uhoraho Imana azogaruka [Tuto 2:13] Azoza mu cubahiro giteye ubgoba.