
IMBURI N’UBUHANUZI VY’IY’INDWI DUTANGUYE KUWA 27/11/2022: MWIYUBARE MWEBGE ABERARA BOSE KUBERA IGIHE TWINJIYEMWO.
Dusenga Uhoraho Imana yumva, avuga kandi agakora ibiboneka mu Mpwemu no mu mubiri. Iyo tumusenze arumva akishura kandi iyo yishuye turumva tugashima. Iyo yasezeranye arashitsa ijambo ryiwe ryose ku gihe yavuze.
Abavugabutumwa, abaririmvyi, abasenzi, abavugishwa n’abandi banyengabire batandukanye; mwiyubare iy’indwi twatanguye kuko hari ivyo Uhorahaho agiye gushitsa mu mugingo bgacu, ku gihugu cacu no mu miryango yacu.
Abizera mwese muhamagariwe gusoma izo ngingo icumi zanditse aha kandi mukazikurikiza kugira ngo mwibonere ubgiza bg’Imana. Abatazi gusoma muzibasomere n’abadafise gutahura mubatahuze. Mwibuke yuko uvusenga ari ikirwanisho gihambaye c’abana b’Imana co kimwe no gushima muri vyose. [1ABITESALONIKE 5:27-19]
Umwami Yesu Kristo yamamare hose, Amen!