Mugire ubgenge mwirinde abasuma bo ku mbuga ngurukana majambo nka whatsapp, facebook..,
🔴 « Bambika ubusa abakenyezi bakaca babatera ubwoba kugira babibe amahera ». Intahe y’umwe mu banyororo mu Burundi. Inyuma y’inkuru twabahaye y’abasuma biba abantu baciye ku mbuga ngurukanabumenyi, bakiyita amazina y’abategetsi n’abandi bazwi, hari umunyororo yatwandikiye kugira aduhe intahe y’ivyo azi uko bikorwa. Uyu muntu yemeza ko ubwo busuma bukorwa canecane n’abanyororo mu mabohero akomakomeye, ko bakarira […]