Imburi n’ubuhanuzi ku basenga ibigirwamana n’abahamagara abazimu.
IMBURI N’UBUHANUZI KW’IHANGA RY’ABARUNDI : IBIGIRWAMANA N’IMIZIMU IRABAKWEGEYE KO MWANSE KWIHANA. Abarundi ni Ihanga ryatoranijwe n’Uhoraho Imana kandi barabimenyeshejwe ariko baranse guhitamwo gukora ivyo Imana ikunda.Ijwi ry’Uhoraho Imana ryanjeko riti mwana w’umuntu, subira uburire ubganyuma Abarundi bari mu gihugu n’abari mu mahanga. Uti: « ko mwanse kuvavanura n’ingeso zo kwikorera ibigirwamana no kuvyikubita imbere, mukanka […]