Ibigiracumi, imperezwa n’amagaranga y’inyubako ni ibitsitaza kuri benshi.

NTIHAGIRE ABABIKOREZA IMITWARO Y’IBIGIRACUMI IMPEREZWA N’IBINDI BIKORWA UMWAMI YESU KRISTO YAMAZE KUBATURA. Muri iyi myaka turabona irwirirana ry’amadini, amashengero n’imirwi y’abantu basenga atari uko batinya Imana mugabo bavuga ubutumwa bakanasenga kugira ngo bakure ubutunzi mu bantu.Bamwe barakoresha igitsure, iterabgoba n’umuhindagizo mu bantu kugira ngo babakuremwo ibigiracumi, amashikanwa, infashanyo, inyubako ibi na biriya ku buryo abizera […]