Ku bganyu, Abarundi baragoye kurongora canke abarongozi nibo bafise agahaze!
Abarundi boba bagoye gutwara canke ababatwara nibo babagora? Iyo abenegihugu bagiraniye amatati, bariyumvikanira, bigaherera muribo Iyo bigiyemwo abacamanza, imanza ntizihera, kandi kubice birenga 90% hatsindwa uwari mukuri Iyo uwuri mukuri atsinze, kubice birenga 90%, imanza ntizikurikizwa Abantu bagiye bafatwa mubusuma bg’isukari, baba abahanwe, canke abatahanwe, usanga ari abategetsi, abajejwe intwaro, twibukanyeko uwambere yafashwe mu busuma […]