Ukunde ukuri kandi ukugendere kuzogushikana mw’ijuru kuko ikinyoma kijana mu rupfu.
UWITWARARIKA IVYUBUGOROROTSI N’IMBABAZI ARONKA UBUGINGINGO,UBUGOROROTSI N’ICUBAHIRO [Imigani 21:21] Uko umutima wawe wibanga ukirinda kwiyanduza niko uba umunyakuri aho uba uri hose. Ukuri ni ikintu cananiye abantu benshi abato n’abahambaye. Urashobora kuba wama ushaka kugororoka uvuga ukuri mugabo ibinyoma bikakwitangira imbere. Aho ntaco kuko uba uzotinda ukabohoka kuko bituma uguma usenga utakamba ngo Imana igutabare yirukane […]