Imana ihinduye ibikorwa vy’abansi bayo imigisha y’abayubaha.
WAME UNEZERERERWA UHORAHO IMANA MURI VYOSE KUKO NTIZOGUHEMUKIRA, NTAMUGOROROTSI WAYO YAHEVYE. Aha munsi y’izuba hari vyinshi kandi havugwa vyinshi. Abantu benshi babayeho bijogota, bidoga bagatukana mbere bagashika no ku rugero rwo guhangara Uhoraho Imana mu majambo yabo kandi bakibaza yuko ari uburenganzira. Ivyo bishika kubera, ubgambere imico n’imigenzo vy’abapagani batazi Imana isigaye yarandukiye abitirirwa izina […]