Umukobga yaramaze imyaka 20 yarapfuye yasubiriye kwibonekeza

Umukobwa yaramaze imyaka 20 yarapfuye kandi yarahambwe yarasubiye kwibonekeza kuri uyu wa 12/03/2022 muri komine #Mwumba intara ya #Ngozi

Niyonsaba yava ku mutumba Nyabikenke muri komine Nyamurenza kuva apfuye mu myaka 20 iheze, abavyeyi biwe niho bakiba. Ku mugoroba wo kuri uyu wa 12/03/2022, abakuranye na Niyonsaba bagiye bamubona ku mutumba wa Rwabiriro zone Gatsinda intara ya Ngozi.

Umu OPJ yarashitse aho uwo mukobwa avuka, abavyeyi biwe bamaze akanya bumvirizwa bahavuye bashika ku bitaro bikuru i Buye muri komine Mwumba baca basanga vyukuri umwana ari uwabo ariko yuzuye inkovu zibikomere biboneka ko yakubaguwe

Abavyeyi bavugako yagizweko amangetengete (uburozi). Uwo mukobwa akaba yaranatanguye kuvuga ariko nabi nabi avugisha umwe mubo bahora batambana imvyino zikirundi. Amatohoza akaba akibandanya nkuko mugiporisi babimenyesha

Ivyo bintu hari ahandi mwari bwavyumve ? Mwibaza ko vyoba ari amagetengete

Uhoraho Imana akomeza kwerekana ubushobozi bg’amasengesho y’Abera ku bikorwa vy’umwijima.