Impundu n’amashimwe mw’Ihanga Ryera ry’Imana kubgo umubatizo wa beneData wo kuwa 12/11/21

TWAHAMAGARIWE GUSHIKANA ABANDI KU GAKIZA KUZUYE. Yesu Kristo yavuze ati iyo umunyavyaha umwe yihanye haba umunezero mw’ijuru n’abamarayika b’Imana bakamwenyura [ Luka 15:10] Natwe twame dutuma abo iwacu mw’ijuru banezerwa mu kuzana abavukanyi bacu ku gakiza gashitse. Mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana dufise umunezero urenze wo gukwiragira imitumba yose igize igihugu cacu c’Uburundi […]