
ABASENGA NTIBAKWIRIYE KWAMA BASENGERA IVYO BAKENYE GUSA BAKWIRIYE NO GUSENGERA IBIZANA UMUVUMO KU GIHUGU NGO BIRANDURWE.
Kenshi abantu barakunda kuvuga yuko hari ivyaha bituma haba umuvumo mu gihugu bakabona ubgicanyi, uburozi, akarenganyo n’ibindi bishegesha bigasesereza abantu mu kubaho kwabo mugabo bakibagira ivyaha vyatumye Imana isuka umuriro w’amazuku kuri sodoma na Gomora abariyo bagatokombera. [Itanguriro 19:24]
Uyu munsi mu gihugu cacu ivyaha bizana umuvumo ku gihugu bigakwega akarambaraye birakorwa cane. Iruhande y’ubusambanyi busanzwe bukorwa, hariho ubusambanyi bg’ishano abantu benshi bazi mugabo bagapfukapfuka. Abanyabgenge n’abafise ubumenyi mu buhinga baronderera ahandi hose ivyokorwa ngo biteze imbere igihugu bakavuga amajambo meza kandi menshi mugabo bakibagira umuzi utuma naho vyose vyokorwa bishobora gusenyuka mu kanya isase. Ico naco ni ugutinya Uhoraho Imana. Uti hariho ibihugu vyateye imbere mugabo ivyo Imana utababaza ! Hariho imico n’imigenzo ihamagara uguhona barenganye na cane cane yuko atari igihugu gifise isezerano ry’Imana. Kuba Imana iguhozako ijisho ryayo biratandukanye no kwibera umunyagahwayi.
Kubitwerekeye, aho Abarundi twagiriye ingorane hariho ibintu vyinshi bibi bizana umuvumo ku gihugu bikorwa kandi bikaguma mw’ibanga rinini, abanyagihugu bakabihora n’amadini akabirenzako amaso. Ivyo navyo ni ugushurashura abagabo kubandi n’abagore kubandi, ugushurashura abagabo n’ibitungano, ugusambana hagati y’abana na ba se canke n’abana na ba nyina. Ivyo bikwiriye kurandurana n’imizi ku badashaka kuranduka. Bireze mu gihugu cacu.
Akarorero kamwe muri twinshi ni i Bugendana kuri uyu wa 21/11/2021 isaha (10H00 ) zine mugihe abandi bari gusenga kuri s/Colline kuwinteko, colline Nyagisenyi zone Mutoyi, hari umugabo yitwa BARANDEREKA Jean w’imyaka 44 . Yagirizwa yuko amaze kuryamana incuro zibiri n’umwana wiwe w’umukobga IRANKUNDA Channella w’imyaka 14 kuwa 10 /11 no kuwa 14/11/2021 mu majoro.
Uwo mwana w’umukobga yabishize ahabona kubera umubabaro yagize mu gihimba c’irondoka vyatumye ajanwa ku bitaro i Mutoyi. Ivyo vyakozwe mu gihe nyina w’uyo mwana yitwa MISIGARO Odette yaba yirukanywe mu rugo. Ivyo bibaye mugihe mu ntara ya Bubanza Libréline Kamikazi, w’imyaka 19 yari yatewe inda n’imugabo Marc Ndayisenga. Uyo nawe akaba yubatse afise n’abana 3 aba aho ku musozi Gitsira.
Marc Ndayisenga yatwaye uyo mwigeme Libréline Kamikazi ngo agiye gupimisha iyo mbanyi kwa muganga aca aramunyuruza aramwicana n’ikibondo mu nda none basanze ikiziga c’uyo mwana casangukiye aho kuri uyo mutumba wa Gitsira mu kigunda. Umwana na nyina baba biciwe rimwe. Tubibutse yuko mu minsi iheze mu ntara ya Ngozi, umu Patiri wa kiliziya katolika yagira yihe inkumbi nk’uko nyene. Abahizi mu gusenga turakwiriye ku guma kumavi tukongereza inkomezi. Twokwisengera, tugasengera imiryango yacu maze tugasengera igihugu kugira ngo Uhoraho agitabarishe ukuboko kwiwe kw’inkomezi. Dusaba abatarihana kubikora vuba bgangu.
Ibi ntitubishira ahabona kugira ngo twararaze uyu muryango canke ngo dukomeretse uwariwe wese. Tubivuga kugira ngo dukingire abana b’igihugu cacu, dukingire ingo n’imiryango na cane cane ngo turandurane n’imizi ivyaha bizana umuvumo ku gihugu cacu Imana yitoranirije. [Matayo 19:14]
Dusengere igihugu cacu, dusengere Abarundi bose kandi dukomeze gusengera amasezerano twahawe kanatsinda ari hafi cane. Umwami Yesu Kristo yamamare!