

MWIGISHE ABANDI GUKUNDA NO KUGENZURA IMBURI N’UBUVUGISHA KUKO HARIMWO IBANGA RY’IMANA
Mu minsi iheze twarabashikirije imburi ivuga yuko Uhoraho Imana agiye gushitsa Isezerano ku gihugu cacu kandi yuko imbere yaho abari mu makambi y’impunzi mu gihugu ca KONGO muri LUSENDA bokwiyubara cane kuko bagiye guterwa kubera bataye Uhoraho Imana bakizigira ibiheko, abapfumu n’ayandi mareba.
Iyo mburi yaciye kuri radio Isezerano Internationale yari yatanzwe n’abari ku gicaniro c’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana kiri muri irya micungararo.
Ivyavugishijwe vyaraye bishitse muri iyo nkambi yo mu LUSENDA. Hari imigwi yitwaje ibigwanisho igize iminsi yinjira mu nkambi ikiba inka n’Impene. N’abagore baja gusenya bakabafata kunguvu. Ijoro rya kuwa 19/11/2021 buca Ari 20/11/2021 abo bagwanyi baraje biba inka ahantu habiri batako bafata kunguvu umugore. Basiga barashe uyo mugabo mubona kw’isanamu. Ubu yaraye apfuye. N’uno abo muri iyo nkambi baraye bataryamye. Ubu impunzi ziriko ziyegeraniriza kuri “bureau d’aide humanitaire “ bariko bava muma “villages”yabo kugira ngo barabe yuko botabarwa. Bariko barasaba na Leta y’Uburundi yuko yogira ico ifashije.
Nta jambo Uhoraho Imana ivuga ngo rihere uko kandi nta kintu na kimwe gishika itabanje kwibira akabanga abasavyi bayo. Nkuko yabivuze abanyakibi ntibazobura kwikwegera akaga bagatuma ivyago bishika [Ezekiyeli 3:18-19]
Twame tuzirikana ivyo Imana yavuze vyose vyanditse muri Bibiliya Yera n’ivyo Mpwemu w’Imana ahishura. Ntakabuza tuzogenda nk’uko Imana igomba kandi tuzogira imigisha isagutse mw’isi no mw’ijuru.
Umwami Yesu Yamamare!