Urukingo rwa covid-19 muri Bibiliya Yera: Nti musukwe ngo mukurikire ibintazi.

MUGUMANE AMAKENGA KU BINTU VYOSE BICISHWA KU MBUGA NGURUKAKA MAJAMBO KU VYEREKEYE IKIMENYETSO 666

Muri iyi myaka ubuhinga bgo gushikiriza amakuru bgateye imbere cane hakoreshejwe imbuga ngurukana majambo, abantu benshi birirwa barandika batumura amakuru hirya no hino. Satani akoresheje abakozi biwe akwiragiza amasanamu y’ibishegu kugira ngo yonone ubgenge n’imitima ya benshi akongera agakwiragiza urwanko mu bantu abifashijwemwo n’izo mbuga.
Ikitibagiwe co ni ukuvangira ijambo ry’Imana mu gusobekamwo ibinyoma kugira ngo abantu bizere ibitarivyo gutyo babe inyegu ziwe. Aha twobabgira nk’inyigisho zitandukanye z’ibinyoma vyambaye ubusa abantu baguma bahanahana kugira ngo batinde bazimize benshi.
-Ikintu cigishwa cose uzobona abantu bashiramwo kwamamaza umuntu w’inyama n’amaraso uze ucirinde, kiba gituruka kuri satani.

  • Ikintu cose uzobona mu kwigisha bashiramwo inguvu nyinshi, uburakare, ubushangashirwe, ibitutsi no kugwanya amashengero y’Imana, uze ukizibukire kuko haba hari abadayimoni bari inyuma yaco.
  • Ikintu cose uzobona gitera uruhijo ( confusion), impari n’ibice mu bantu uze ucitondere usiguze ijambo ry’Imana ryo mw’isezerano rya kera n’isezerano rishasha.
    Uyu munsi abacurika ijambo ry’Imana kugira ngo babayivye bigisha ibihushane bikurikira:
  1. Ngo kirazira kuja mu rusengero gusenga kuko ni ivya satani. Amashengero yacitse aya satani ryari! Niba hariho abakuru b’amashengero bahemutse nti bisigura yuko kw’isi yose abantu bahemutse ku buryo atawoja mu rusengero gusenga. Hariho amashengero agifise Imana kandi asenga mu kuri no mu Mpwemu hano kw’isi. Ntaraja mu ruhamo kuko hariho ibihugu Yesu Kristo yifitiyemwo iminyago. Ayo n’iyo mashengero azohagarara mu gihe c’ihamwa rikomeye.
  2. Ngo abantu bazokizwa n’ukwubaha ivyagezwe icumi gusa. Ivyagezwe icumi ntivyakijije n’ubgoko bg’abayuda bgabihawe, wewe vyogukiza gute? Nta n’umuntu n’umwe bishobora gukiza. Birya vyagezwe 10 bikwereka bimwe mu vyaha kugira ngo uvyirinde. Ni naco gituma umukiza Yesu Kristo yaje akaza gucungura abantu ku musaraba kugira ngo abatabare umuvumo w’urupfu. Uwo niwe wo kwizerwa kandi niwe agushikana ku kugororoka kwose kuko aguha n’ubushobozi bgo kunesha icaha icarico cose.
  3. Ngo urucanco rwa CORONA 19 nico ca kimenyetso 666 ca cagijoko ntihagire abarwiteza. Turagomba guhagarara gato kuri izi nyigisho twishimikije ijambo ry’Imana n’ihishurirwa rya Mpwemu Yera.
    Aha mwomenya amayeri ya satani. Igihe ikintu c’ukuri kitaraza, azana ikinyoma kugira ngo agusamaze cakindi kije ntuze ukimenye icarico. Corona-19 ni ingwara yica kandi isasika inganda. Yoba yavuye ku bushake bg’akakgwi gashaka kumara abantu canke yabaye impanuka yashitse ico kiza kitagira umuti kigakwira isi yose; abashakashatsi muvyo ubuganga kw’isi yose bagerageje kandi n’ubu bakiriko bagerageza gutora inkingo zohagarika ico kiza. Ukwo ni ukuri.
    Hariho abantu atakindi bakora atari ukugerageza kurwanya ikintu cose kandi bagakoresha uburyo bgose bushoboka. Naho coba ciza gute barondera uko bakirwanya. Bagerageza kwishimikiza ijambo ry’Imana, bakishimikiza ubushakashatsi n’abo nyene, bakanishimikiza imburi n’ubuvugishwa nabgo nyene bakavuga yuko babonekewe, beretswe canke barose inzozi. Abo bantu bari kw’isi yose. Abo nibo Bibiliya Yera ivuga yuko iyaba vyashoboka bari kuyovya n’abatoranijwe. [ Matayo 24:24]
    Kuvuga yuko urukingo rwa Corona-19 ari ca giharuro ca anti-Kristo ntiwokwishimikiza ubushakashatsi kandi ntiwokwishimikiza inzozi zawe kuko urota kenshi birya wirirwa araraba, usoma kandi uganira n’abandi harya ku mihora itandukanye. Ntawoca yita inzozi ziwe zose ihishurirwa.
    Bibiliya niryo jambo ry’urufatiro rwacu mu kumenya ibivuye kwa satani n’ibivuye ku Mana. Itubgira iki ku vyerekeye ca kimenyetso 666?
    “…kigera yuko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano bashirwako ikimenyetso ku kiganza c’iburyo canke ku ruhanga.” [IVYAHISHURIWE YOHANA 13:16] Urushinge rwa corona si ikimenyetso ni umuti batera mu mubiri kandi si ikintu bashira ku kiganza c’uburyo canke ku ruhanga. Ivyanditswe Vyera biratomoye ntihakagire uwubahendesha ivyiyumviro vyiwe. Muri abo bakokeza ngo uwatewe urwo rushinge rwo kwikigira mugiga, agasama, ubukangwe, ibicurane canke corona ntazogera mw’ijuru; hariho bamwe bamaze kuziteza kera kandi zabagiriye akamaro mugabo baguma bajuragiza abandi babavuza kwikingiza ngo bashake bahwere. Ubgo ni ubukozi bg’ububi mu bundi.
    Kuvuga yuko uwo muti baguteye ushobora kugira ingaruka ku magara yawe, ivyo biratandukanye no kuvuga yuko ari ikimenyetso ca ca gikoko. Kuko satani ahagarara ku kantu kose kugira ngo ahindukize ukuri maze ayovye abantu.
    Mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana tuguma tureretse, ntiduhararara ku bihuha bivugwa n’abantu. Tuguma dusiguza Uhoraho Imana muri vyose, Mpwemu Yera akatwibira amabanga. Kuvyerekeye urwo rucanco rwa covid-19 si ikimenyetso ca ca gikoko mugabo kubgo amagara y’uwizera wese, imbere yuko uhitamwo ku rwiteza canke kutarwiteza siguza Uhoraho Imana kuko dufise Imana ishoboye vyose kugira ngo umenye ico ukwiriye gukora ku giti cawe. Umwami Yesu Kristo yamamare!