

UMUNTU WESE YIZEYE UHORAHO IMANA AKIHANA IVYAHA VYIWE AKIYEZA ARAKEIRIYE KWUGURURA AKANWA KIWE AGASENGERA IGIHUGU CACU.
Iyo umuntu avuze gusengera igihugu abantu benshi baratangara ngo basengera igihugu gute! Ngo twogisengera gute canke bati ko mu bantu bizeye babona ibintu vy’igihugu ugutandukanye, umuntu yosengera igihugu neza gute?
Ugusengera igihugu c’Uburundi nta n’umwe bikwiriye gutera ingorane kuko kirafise amasezerano meza cane y’intahava cahawe n’Uhoraho Imana. Ni ugusaba Imana ngo ubugombe bgayo ni bube ku gihugu cacu nkuko buba mw’ijuru.
Ikibazo gikurikira ni ukwibaza igituma umuntu yofata uyo mwanya wo usengera igihugu canke ati ko tubona hari vyinshi vyo gusengera ngo Imana itabare ni kuki muduhamagariye gusenga uyu munsi?
Hariho vyinshi biguma bishika ku munsi ku munsi, ivyiza n’ibibi ariko hariho ibikora ku mutima w’igihugu. Dufashe akarorero kamwe muri twinshi “ Amakuru adushikira avugako hari umwana yateye Grenade mw’ishure ry’intango E P Muramba 3 sous colline kinogono hakomeretse abana 15 umwana yayiteye yitwa Mugisha Shadrak. Yafashwe kandi uyo mwana afise 11ans. Aho hantu ni muri commune Buhinyuza mu ntara ya Muyinga. Umwana bamwemeteye 100 mille francs ayiteye hama naho yishe benshi bamwemereye 10 million.”
Uravye iyo nkuru iherekezwa n’amafoto uca ubona yuko Abarundi dukeneye Uhoraho Imana mu mitima yacu. Uwariwe wese aca abona aho turwaye n’aho igihugu kirwaye. Aho niho ho gusengera ngo dukire kandi n’igihugu gikire. Urwo rukiza ntiruzova mu migambge n’imihari, ntiruzova mu madini n’amashengero kandi nti ruzova mu moko n’imiryango. Urwo rukiza ruva ku Mana gusa kandi abakijijwe vy’ukuri nibo bashobora kurubohoza.
Ubugira gatatu, umuntu yokwibaza ati aho twasengeye ko ata nyishu turabina dushikako canke aho twumviye imburi n’ubuhanuzi ko tubona Imana itarashitsa?
Utwo ni utubazo abakiri bato mu gakiza bibaza mugabo uwumaze kugera ku rugezo rwo kubonesha amaso y’umubiri n’ayo umutima arabona yuko Uhoraho Imana ari ku musozo w’igikorwa yatanguye. Vuba cane aradushiko ivyo yadusezeraniye.
Ico kibondo mubona mu modoka ni umwana w’imyaka 11 yatumwe kwica urwaruka mw’ishure akaba yakomerekejemwo 15.
Umuntu wese asenge Imana itabare Abarundi n’uburundi Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!