
TWINJIYE MU BIHE VYO GUSHIMA UHORAHO IMANA MW’IZINA RY’UBUSHOBOZI RYA YESU KRISTO.
Umwaka wa 2021 usigaje ukwezi kumwe kwa Kigarama kumwe gusa ngo urangire. Ni umwaka utoroheye abantu benshi na gatoya. Umuntu wese arafise ico yoshimira Uhoraho Imana gushika kuri uyu munsi.
Benshi kw’isi hirya no hino bahitanywe n’ikiza ruhonyanganda bataziriye KORONA-19. Abandi bahitanywe n’intambara mu mahanga no mu gihugu cacu. Ibisasu ntezaminwe vyaratewe ku bituro vy’ingenzi, mu masoko, mu bunywero eka benshi baranategerewe ku mabarabara baricwa abandi barakomereka.
Wewe nanje turacariho. Twatanze iki ku Mana yaturinze!
Hariho abarwaye ingwara bahitanwa n’urwo akarago, abandi bahitanywe n’impanuka z’imiduga, amapikipiki n’amakinga ubuzima bgabo buhereraho. Bamwe banyurujwe n’abagizi ba nabi barabica nabi babata mu nzuzi abandi babata mumashamba basangukirayo mugihe abandi babatemaguriye mu mihana iwabo n’abacumiswe n’abagizi ba nabi birenganira ku nzira.
Wewe na jewe turacariho. Twatanze iki ku Mana yaturinze!
Abarozi barihaye inkumbi bamwe bakoresha imiti barungika mu muyaga abandi bagaburiwe ishano, abariye isumu n’ibindi vyahitanye abantu benshi. N’uyu munsi benshi bari mubitaro kandi bamwe ntibazisubira muhira abandi bazogaruka tubabone.
Wewe nanje turacariho. Ni iki twatanze ku Mana yagumye iturinda!
Turafise impamvu nyishi zo gushima kuvyakoretse mu buzima bgacu bga misi yose, ku kazi, mu muryango, mu kibano, ku mashure no mu kubaho kwa misi yose. [1Abitesalonike 5:16-18, Zaburi 7:17]
Radio Isezerano Internationale yiyemeje kugufasha kuduza amashimwe yawe mw’ijuru, asanirane umwansi satani atarayakwiba. Shimira Imana kuvyo imaze kugukorera muri uwu mwaka wa 2021 usabe uburinzi kubgo ibihe tugiye kwinjiramwo. Twandikire canke utwakure canke uturungikire amajwi yawe kuri:
+1605 400 5580
+257 69 04 05 14
+257 69 10 81 30
+251 94 084 6357
+256 706 913636
+257 61 40 41 81
Umwami Yesu Kristo yamamare!