Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana ritangurura mu mutima w’umuntu.

WAME WIBUKA KWIHERERANA N’UHORAHO IMANA YAWE NO GUKORANIRA HAMWE NA BENEDATA.

Nk’uko twama tuvyigisha abandi bose kundira umubiri wawe, umutima wawe n’ubgenge bgawe bibe igicaniro c’amasengesho cejejwe aho wama uherereza amashimwe y’Uhoraho Imana. Nico gicaniro ngendanwa ukoresha aho uri hose. Ushobora kuba uri mu rugendo, mw’ibohero canke mu kaguriro; aho uri hose ushobora gusenga Imana kuko umubiri wawe wawugeze urusengero rw’Imana nzima. [1Abikorinto 3:16]
Ikindi gicaniro gihambaye ata muntu yokwirengagiza ni kuba mu rugo mu muryango wanyu mukoranira hamwe abana n’abavyeyi mugasenga. Mwibuke kubigira umugirwa w’iteka kuririmba, mukiyeza, mugashima Imana hanyuma mugaca bugufi mugapfukama mugasenga. Kugira igicaniro co munzu ni ivyo igikundiro aho mwama mukoranira hamwe mu gahimbaza Imana ijoro n’umurango no mugihe c’urushana, mu gihe amayira yose yasivye mukaguma k’Uhoraho Imana yanyu.
Mwibuke gukoranira hamwe na beneData bandi ku bicaniro rusangi, ku masengero canke mu bikorane vy’ubutumwa bgiza. Ntugapfe kwifatanya n’abaribo bose. Siguza Mpwemu Yera. Menya yuko bahagaze kugakiza gashitse gatangwa na Yesu Kristo, umenye yuko ba bandanira kuja mw’ijuru. Muri iyi minsi hariho vyinshi vyishushanya n’Ishengero rya Yesu Kristo kandi ari iyororero ry’ivyaha, inzira ija mu mahonero. Bamwe bavuga Yesu Kristo ku munwa gusa kandi ari amabingira yuzuye ubushakanyi, ubgicanyi, akaborerwe, ubupfumu no gukorera satani. Abandi ntibacubahuka no kuvuga izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo bivugira “imana” bakongerako amajambo meza yo kuresha abantu. Benshi ni indyadya n’ibihunya. Bibiliya Yera itubira yuko ari abigisha b’ivyagezwe nk’Abafarisayo. Abo ni nk’imva zikuyengeje ingwa inyuma. [Matayo 23:27]
Mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera!