Impundu n’amashimwe mw’Ihanga Ryera ry’Imana kubgo umubatizo wa beneData wo kuwa 12/11/21

TWAHAMAGARIWE GUSHIKANA ABANDI KU GAKIZA KUZUYE.

Yesu Kristo yavuze ati iyo umunyavyaha umwe yihanye haba umunezero mw’ijuru n’abamarayika b’Imana bakamwenyura [ Luka 15:10] Natwe twame dutuma abo iwacu mw’ijuru banezerwa mu kuzana abavukanyi bacu ku gakiza gashitse. Mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana dufise umunezero urenze wo gukwiragira imitumba yose igize igihugu cacu c’Uburundi dushwabura, tuzimurura abazimiye mu kuzana benshi ku kwizera, ukwihana ivyaha, ukubatizwa n’ukwuzuzwa Mpwemu Yera. Abakozi b’Imana baguma bavuga ubutumwa bgiza, bihanisha amasinzi y’abantu kandi babatiza umuntu wese yafashe ingingo yo gukurikira Yesu Kristo. Kuri uyu wa 12 na 13 twarabatije maze umuryango w’abera uraguka.
Mwame muzirakana yuko “Uwizera akabatizwa azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza” [Mariko 16:16] Muhamagarire abantu bose kwizera no kubatizwa kugira ngo bakire urubanza ruri imbere.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!