Ntukababazwe n’uruvugo ngo rugutirimutse, hafarara kuco Uhoraho yavuganye nawe.

NTUKABABAZWE N’ABAKUVUGA NABI NGO BAGUTIRIMUTSE UHAGARARE KUCO IMANA YAKUBARIYE GUSA.

Mu gihugu cacu mbere no mu barundi aho bagiye hose muri rusangi bisa n’uko vyacitse umuco kuvuga uwundi muntu nabi. N’umuntu batazi batara n’iyumvira na rimwe baramuvuga nabi kandi bakumva baranezererewe kwambika iceyi n’urubga umuntu, ku mucafuza kuri ibi na biriya; kandi ababitangura kenshi na kenshi babikora bazi neza yuko bariko bararemeka inkono ishushe intungane. Haraho babikora kuko utameze nkabo canke bakabikora kugira ngo bakwankirize kuko wababariye ukuri banka. Kenshi babikoreshwa n’ishari n’inzigo bagufitiye kubera ibanga Imana yagushizemwo. “Inyenyeri wahawe”.
Iyo ngwara yo kwararaza umuntu mu binyoma iri mu bakuru n’abato, mu boroshe n’abahambaye, mu banyanadini n’abanyamashengero ni ukuyirinda. Abantu bemera insaku n’ibihuha, bagakora icaha co kubikwiragiza gusumba kurondera kumenya ukuri no kugira umuco kuvyo baba bumvise ku muntu. Abakera baravyihweje bagira bati: “ Abarundi baravuga bakavuga n’inda iri munda.” Ukwo kuvuga ni ugusakuza, ukubeshera no kwambika iceyi abandi.
Murame muzirikana yuko “uwanse kuvugwa ari uwanse kuvuka.” Bareke bivugire nawe wiyeza imbere y’Uhoraho Imana yoyo itarya ingurire izobatangaza umunsi uri izina. Na Yesu Kristo Umwami n’Umukiza wacu yaravuzwe nabi, yaratutswe aranahigwa ngo yicishwe amabuye. Burya yahigwa n’abanyavyaha bigira intungane.
Hariho abantu baheba gusenga bakarwa bagasubira inyuma ngo n’uko abantu babavuze. Abandi barahava bakayinga, bakikumira gushika naho hari abashika aho bokwiyahura ngo n’uko abantu babavuze nabi. Urakwiriye kutaba muri abo kandi ukamenya yuko “uruvugo rutonza” iyo wamenye Imana ukurikira. Ntukite ku majambo y’imburabgenge ukwo ziyita kwose, ukwo zamaye kwose canke imirimo zikora mu gihugu canke mw’ishengero. Wewe uruwo igiciro kinini cane kuko wamenye Yesu Kristo kandi ufise ibanga yakubitsemwo.
Twebge abo mw’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana nitwe dutegerezwa guhindura iyo ngendo mbi y’abanyamahanga yo kugenda baravuga abandi nabi kuko ni icaha. Twebge ntitwahamagariwe ubgo bubisha buri mu bategetsi bo mu gihugu no mu mashengero bukaba mu bakuru na bato kuko tuzi yuko “Ukuvugwa neza kuruta amavuta atamirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.”
[Umusiguzi 7:1]
Abakuvuga nabi baba bakwipfuriza ibibi mu mitima yabo kandi n’iyo muhuye babishobora barabikora. Iyo niyo ngwara Abarundi barwaye.
Aho kuvuga umuntu nabi wotuma wihorera kugira ngo ntiwanduze umutima n’ubgenge bgawe. Ahubgo igihe akanya kose kabonetse, twengera mugenzi wawe, mubarire yuko umukunda kandi n’iyo atari hafi muvuge neza ushireko yuko unamusengera unabikore.
“ Umururazi wose wo kujingitwa nuburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. Mugiranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirabire kuko Imana nayo yabahaririye muri Kristo” [Abayefeso 4:31-32]
Uwugendera kuri izo mpanuro z’ijuru aribanga imero iri hagati y’abanyamigambge, hagati y’abanyamadini no hagati y’amoko. Kanatsinda twebge turi hejuru y’ivyo vyose.
Ukuvuga nabi umuntu yumva canke atumva biratandukanye no kumukebura. Ntihagire uwuzotinya guhanura uwundi mu buryo ubgaribgo bgose mu rupfasoni kuko ukuri kurasomora, kugakiza kandi kugatuma abantu bidegemvya. Ntihakagire n’usubira kubabazwa na gatoya n’uko abantu, abaribo bose, bamuvuze nabi. Guma kuco Uhoraho Imana yavuganye nawe kandi ntugerageze kwisigura mu maso y’abantu. Imana izokurenganura kandi ibikorwa vyawe bizokwivugira.
Tumaze imyaka myinshi dutukwa n’abatodututse, tuvugwa nabi cane n’abatubeshera, tugenda tugenzwa n’abafise ubushobozi mugabo bose, umwe wese ku giti ciwe, baraza bakatwihanako yuko batuvuze nabi, batubesheye ibitagenda ngo tubababarire. N’abatarabikora twarabahariye kuko nti twogendana icaha co kutababarira, ishavu n’inzigo kandi turi abidegemvya. Intambara turwana si iyacu ni iyo Uhoraho.
[2 Ingoma 20:15] Yesu Kristo yamamare!