Witwaze izina rya Yesu Kristo aho uja hose niwe Uhoraho Imana yigize umuntu.

INYIGISHO ZIGUKURA KURI YESU KRISTO ZIBA ZIKWAMBUYE UBUZIMA

Umuntu agukura kuri Yesu Kristo aba akwambuye ubuzima, agutwaye ubuhungiro, akwambuye amagara kandi asibanganije ivyizigiro vyawe. Umuvyeyi wawe, uwo mwubakanye canke umugenzi akubuza gukurikira Yesu Kristo ntaho atandukaniye n’umwicanyi wo mu mubiri kuko aba akwambuye vyose.
Ama leta abuza abantu kwizera Yesu Kristo canke imigwi y’abantu yisuka mu nyigisho agakura KRISTO YESU mu vyizerwa vyabo iba yateye umugongo Uhoraho Imana naho avuga “imana” kenshi mbere akavuga n’utundi tujambo twiza twinshi. Ni ukumenya utuyeri twose twa satani kuko yigira umumarayika w’umuco kugira ngo asuke abantu mu mwijima.
-Yesu Kristo ni Uhoraho Imana [Yesaya 9:6-7]
-Yesu Kristo ni Alfa na Oméga, itanguriro n’iherezo [Ivyahishuriwe Yohana 22:13]
-Yesu Kristo niwe murenyi wa vyose[ Abikolosayi 1:16, 1Abikorinto 8:6, Yohana 1:3]
-Yesu Kristo niwe mukiza w’abari mw’isi bose, Umwami w’ubukiriro [1Yohana 4:14, Abaheburayo 2:4]
-Yesu Kristo niwe buye rifata imfuruka atarimwo bubakira ku musenyi [Yesaya 28:16, Abayefeso 2:19-22]
-Yesu Kristo niwe Mwani w’abami [1Timoteyo 6:15, Ivyahishuriwe Yohana 19:16]

  • Yesu Kristo niwe Nzira, Ukuri n’Ubugingo [Yohana 14:6, Luka 2:25-35, Yohana 6:35]
    Umuntu wese agomba gukorera Uhoraho Imana ni atere umugongo inyigisho zose, amadini n’amashengero yose adahesha icubahiro ngo apfukame kandi yature yuko Kristo Yesu ari Uhoraho. Twibutse abantu bose yuko mw’ijuru, kw’isi n’ikuzimu amavi yose apfukama mw’izina rya Yesu Kristo kandi indimi zose zatura yuko Yesu Kristo ari Uhoraho Imana.[Abifilipi 2:11, Abaroma 14:11]
    Ikintu cose kikwambura KRISTO YESU ukwiriye kucikunkumura. Naho boba ari abaganza, naho boba ari abavyeyi, naho boba ari abagenzi, naho zoba ari incuti nayo yoba ari uwariwe wese, naho ryoba ari itunga, naho bgoba ari ubuzima bgawe kuko inyuma ya KRISTO YESU nta kindi kintu kihari. Inganji yiwe ishinge imizi mu Burundi.
    Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!

Votre commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s