
WAME WIBUKA KURI UWEJEJWE N’AMARASO Y’IGICIRO YA YESU KRISTO UMUCO WAWE UGARAGARE.
Abantu benshi barumva ubutumwa bgiza bg’umusaraba bukabacumita mu mitima, bakizera, bakihana bakezwa bakanabatizwa ariko iyo bahuye n’ibibagerageza bagasubira inyuma bakarwa. Kenshi ibibarwisha biza iyo bari, bonyene umubiri n’ivyiyumviro bikabibutsa ibihimbaro bidafashe vy’iy’isi ahandi ababanyi, abagenzi n’ivyo bisangamwo bikabatwara akayombekere. Hariho n’inyigisho z’amadini n’amashengero zizirura ibizira mbere ugasanga hariho n’imirwi y’abantu iziririza ibiziruye mw’ijambo ry’Imana. Ivyo vyose bigatuma hari abantu babura ico bafata n’ico bareka.
Ariko weho, wumire kuco wahawe. Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera n’ijambo ry’ukuri Mpwemu Yera ahishura kandi ashingira intahe. Ntube we nyene ngo wigendeko satani ameze ntintambge igenda irivuga yokurotsa. [1Petero 5:8] Kandi ntiwisuke mu madini n’amashengero kuko menshi ameze nk’imva zikuyengeje umwura kandi imbere haraboze huzuye amagufa gusa kuko buzuye uburyarya, ukwiyorobeka n’ubunyavyaha.[Matayo 23:27-29] Fata umwanya wo gusenga nti wihute kugira ngo usiguze Imana maze Mpwemu Yera akwerekeze aho ukwiriye kuja kuruhukira muri Yesu Kristo. [Abaroma 18:14]
- Uzoheza wumve Indirimbo zawe z’amashimwe zidudubiza mu mutima wawe.
- Uzoheza wumve ushaka gushingira intahe Umwami n’Umukiza Yesu Kristo.
- Uzoheza wumve ijambo ry’Imana ryuzuye muri wewe.
- Uzoheza wumve Imburi n’ubuhanuzi vyubaka Ishengero rya Kristo Yesu.
- Uzoheze wumve uguma ugira ihishurirwa rishasha ku bugingo bgawe, ku muryango wawe n’ukubaho kwawe.
- Uzoheza wumve yuko ufise ishaka ryo kuja kurondera abazimiye no kuvuga ubutumwa mu mahanga.
- Ivyakubera inyungu kera bizokubera igihomba n’ibisesema, kandi ukwo niko kubohoka. [Abifilipi 3:7]
Itara ariyo ngabire yawe ntikubikweko igiseke kandi ukwizera kwawe ntikugapfe impfagusa. Korera Uhoraho Imana yawe mu kugororoka hakibona kandi ugifise inkomezi. [Matayo 5:15] Ingo wimenyereze,ukomezwe kandi uvugurirwe kuko ibihe vyo gutwara ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro kw’isi biriko biregereza. Umwami n’Umukiza Yesu Kristo Yamamare!