Dusengere abitwa abakozi b’Imana b’Abarundi kuko bakora ivyaha n’abapagani batinya.

UMUKRISTO WESE ASABGA GUSENGERA ABITWA ABAKOZI B’IMANA B’ABARUNDI KUGIRA NGO IMANA ITABARE ABIZERA BAYO.

Uko imico myinza y’ubuntu, urupfasoni no kwiyubaha mu gihugu yagiye ironinekara ni nako agakiza k’abantu bari mu mashengero kagiye karahera. Aha ntaworinda kuvuga ivyaha n’ububisha bikorwa n’abantu mu gihugu kuko birateye isoni n’agahinda. Ikibabaje gusumba vyose n’uko ishengero ariryo ryari rikwiriye kuha akarorero keza abataramenya Kristo Yesu bari mu gihugu niryo ryacitse iyororero ry’ivyaha. Haribonekeza abungere b’intama z’Imana mu ba padiri n’aba pasitori biha gusambanya abo bari bajejwe kurera, kwica ibibondo, kwica abavyeyi, kugurisha ibivi ngo batange ibiturire n’ibindi vyaha n’abapagani bataramenya Imana bakora badegedwa. Hari intambara hirya no hino mu madini n’amashebgero zigamije gusambura imitima y’abizera Imana.
Twese dusengere abavuga yuko ari abakozi b’Imana kuko benshi bakorera satani bakoresheje ibinyoma vyambaye ubusa. No mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana hari abo twagomvye gukorana imirimo y’Imana dusanga bafise ya mpwemu iri mw’isi maze ntitwabandanya. Abo bamaze gusezererwa baragerageje gutesha ubgoko bg’Imana umugambi w’ukwihana, ukwezwa no guteramira amasezerano mu gukwiragiza ibi binyoma mu bantu:

  • Ngo Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana ryarasambutse nta muntu n’umwe arisigayemwo mugihe ryashinze imizi mu ntara zose z’igihugu no mu makungu.
  • Ngo Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, leta ikoresheje iperereza n’igipolisi barabatse uruhusha rubemerera gukora ku mugararagaro mugihe dushinguye neza Ordonnance Ministérielle ukuri kwamye. Barabesha biteye ubgoba.
  • Ngo Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga ry’Imana rigizwe n’abantu batambikije mu bizira vy’amadini ngo abo nibo bagiye kwambuka. Haba namba turi abatoranijwe n’Imana ntitwivanga kuko turi IHANGA RYERA.
  • Ngo Abakozi b’Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera ry’Imana bamwe bambaye impeta z’aba Freemasoni ngo abandi nabo bakoze ivyaha bituma badakandagira mu gihugu cacu. Satani ntagira isoni zo kwibeshera. Twese dushika hose kuko ntaco dupfa n’umuntu n’umwe mu gihugu no kw’isi yose atari uguhamana n’icaha.
    Hari abantu baduka bakavuga ibintu nk’ivyo abadakwije neza mu mutwe kandi bakenyaguza: Utujambo tw’ubupfu tuvugwa n’abapfu nyene. Ni ukubasengera Imana izobiyereke canke ubugombe bgayo bube kuri bo. Ntihakagire uwa Kristo n’umwe aja ku binyoma n’amohe ya satani n’ibikoresho vyiwe. Satani ntabasamaze ngo abateshe intumbero n’umuhamagaro kuko tugiye kwambuka. Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana rigendera ku rutonde rw’ijuru, ryitondera ivyagezwe vyose Uhoraho Imana aduha kandi nyene Ishengero ntanyiganyizwa. Rifise vyangombga vyo mw’ijuru n’ivyo mu gihugu, abakora muriryo barihanye barezwa kandi ntiryifatanya n’ibihumanya canke abagomba kurihumanya. Ni Ishengero ry’abera. Hari umwe canke babiri bokora ibinyuranye n’urutonde rw’Imana twobahanura tukabakosora banse tukabasezerera nkuko twabikoreye abandi kuko ntituzokwambuka turi ikivange canke igugu ry’abantu. Ukuja mw’ijuru si urufatanamende ni umuntu wese n’ikimenyetso yahawe n’Imana Ihoraho. Dusengere abitwa abakozi b’Imana bose bari mu gihugu cacu c’Uburundi.
    Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!