
UHORAHO IMANA AZOKUBAZA ABO WASHIKANYE KU GAKIZA UKO BANGANA.
Abantu benshi barakunda kwitwa abakozi b’Imana: Abungere bakiha n’amazina y’ivyubahiro, abavugishwa, abasenzi, abavugabutumwa, abasemerezi, … mbere bamwe barashiramwo n’inkomezi nyinshi mu kwigisha, kuduga imisozi, kuja hirya no hino bashiramwo ishaka rinini.
Ivyo sivyo binyiganyiza umutima w’Imana kuri benshi kuko abatari bake babikora kugira ngo bamenyekane, bironkere ivyubahiro abandi bakabikora kuko bafise izindi nyungu bakuramwo zishimisha imitima yabo n’amaronko. Mw’ijuru ntituzobazwa amajambo y’Imana twavuze uko angana, ntituzobazwa imburi n’ubuhanuzi twavuze uko zingana, ntituzobazwa ibisagara n’amashengero twagendeye uko angana canke imisozi twaduze uko yari imeze. Ivyo vyose urashobora kubikora ntihagire umusaruro uvyarira Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo kuko ubikora mu bgibone, ubgishime canke mukurondera inyungu zawe zo mu mutima no mu mufuko.
Ukwitanga nyakuri ni igihe ivyo ukora vyose ubikora kugira ngo ushikane uwazimiye kugagiza ngo nawe ashike ku kugororoka. Mw’ijuru bazoharura bangahe umukozi w’Imana yashikanye ku kugororoka gushitse. Biragomba yuko ukorerara Imana ukurikirana abo ubira ubutumwa umuntu ku wundi kuva yumva ubutumwa akizera, guca ku kwihana ivyaha n’ukwezwa, ukubatizwa n’ukwuzuzwa Mpwemu Yera maze akaramiriza mu nzira y’agakiza. Iyo udakurikiye iyo nzira usa n’uriko uravomera ikibira nk’imvura irwa mw’ishamba.
Daniyeli yareretswe abashikanye benshi ku kugororoka ingene bazomera, aca agira ati: “Abagize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw’itazanure ry’ijuru, abashikanye benshi kubugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bidashira” [Daniyeli 12:3]
Kenshi hariho ababgira ubutumwa abantu ku mihora, za whatsapp, facebook mbere bakaja gusemerera mu masoko n’ahandi bagaca bitambukira. Ni vyiza kuko baba bahejeje umwuga kandi benshi baraburirwa mugabo siyo nzira yo gushikana abantu ku bugororotsi. Iyo nzira imeze nko kugira umurima kuko uramena umushike, ukarima, ugateragira, ukavomera, ugapompa umuti, ukabagara,… gushika habe isarura. Ivyo utabikoze usa n’uwimijagiye imbuto mw’ishamba.