Ugusengera abana bato no gusengera ingo ni umugirwa ukwiriye gukomezwa no gushimira Imana

UGUSENGA NO GUSENGERA ABIZERA NI IKIGORWA C’ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA KW’ISI YOSE.

Nkuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yabidutegetse, dukwira amahanga yose twamamaza ugucungurwa kw’abaremwe bose n’inkomezi ziri mu maraso y’Umucunguzi Yesu Kristo mu gukiza ingwara, kubohora ababoshwe mu buryo bgose no gutanga amahoro aruta uko yomenywa n’uwariwe wese. [Ab’Ifilipi 4:6]
Mu gushitsa ivyo twatumye gukora turabgira ubutumwa abaremwe bose, abizeye bakihana ivyaha vyabo vyose, bakabatizwa mw’izina rya Yesu Kristo, bakuzuzwa Mpwemu Yera kandi n’abo bagakora imirimo y’Imana. Uretse kubatiza, gusengera abarwaye n’iyindi mitwaro, hariho guhezagira abubakanye, gushingura imibiri y’abatashe, kugendera abagowe, gufasha aba na bariya n’ibindi. Mu basengerwa hariho ababa bafise imitwaro itandukanye mugabo hariho n’ababa baherezwa Uhoraho Imana nk’abana bato n’abandi baba bashimirwa Uhoraho Imana nk’abamaze imyaka ishimishije bubakanye ru-Kristo.
Kuri iri genekerezo rya 06/11/2021, Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana ryari ryaramutse risengera beneData bamaze imyaka 18 bubatse ru-Kristo. Bari mu gihugu ca Australia iyo twabasanze turabakeza kandi turabasengera tubashimira Imana mw’Izina rya Yesu Kristo. Twaharonkeye akaryo ko guha impanuro abubakanye bose kugira ngo ingo zabo zibe ibicaniro vy’amasengesho bizima kandi zibe isoko y’amahoro.
Umwami Yesu Kristo yamamare!