Imburi n’ubuhanuzi: Imana Ihoraho igiye gushitsa isezerano.

IMBURI N’UBUHANUZI: IGIHE KIRARANGIYE IRYAVUZWE RIGIRA RITAHE 05/11/21

Twariko turasenga ku bicaniro vy’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana nkuko bisanzwe. Murazi yuko ijuru ryadutondekeye kuba ku bicaniro iminsi yose kugira ngo ducurirwe amabanga yo mu bihe bigoye bigiye gushika. Tugisenga hururutse ijwi ry’Uhoraho Imana rituragara nk’umuturagaro. Naciye nfata ikaramu n’ikaye nandikamwo inzozi, inyereko n’ubuvugishwa maze nandika ingingo 10 iryo jwi ry’Uhoraho Imana rya dushikirije.
Bangenzi ijwi rya Mpwemu Yera hari aho riza ryongorera mugabo haraho ijwi r’Imana riza riteye ubgoba uwuryumvise agahinda agashitsi. Iryo jwi ryavuze yuko twobgira abantu bose ngo:

  1. Imana iratabaye igihugu kandi hari ikimenyetso abantu bagiye kubona. Umugambi wayo ni ugutabara abayizera, bihanye kandi bejejwe.
  2. Hari intambara z’abavukana zigiye gutangura abantu bose babibone. Abafise amatwi yo kwumva ni bumve.
  3. Imana irihagurukiye ntawuyihagarika kuko yirahiye gushitsa ico yasezeranye [Zefaniya 3 :11-12 & Zekariya 4 : 6-9]
  4. Imvura itanguye guhinda iba igira irwe. Hagiye kurwa isegenya kandi ababi n’abeza bagiye kuyibona.
  5. Utugamye imvura mw’Ihema ry’Imana, ibiti n’amazu bizogururwa n’igihuhusi bizomuhitana. Ubu nico gihe co kuja mu bgugamo kuko irashitse iriko irasuma.
  6. Uwuri kure ni yegere kuko igihe nti kiri kure kuko iyi ni imburi ku bantu bose ngo binjire mw’ihema ry’Imana.
  7. Abari mu mashengero benshi bazotangara kuko umuntu wese namuhaye isaha yo kumenya igihe n’amaso yo kubona. Naratanze umwanya ukwiriye w’imburi n’abasemerezi nahagurukije bashitse hose.
  8. Imana iti: « Ngiye gukora ikintu gihambaye kandi abantu bose bazobona yuko ari jewe ndabikoze mu gihugu no mw’ishengero kuko ngiye guhindura ibintu nkoresheje ukuboko kwanje kw’inkomezi. »
  9. Uhoraho Imana ati: “Umuntu wese mu bizeye abo natumye maze akaba mu gitigiri c’abihanye ndamuhaye umutaka w’uburinzi n’uwuzoba ari mu murima nzohamurindira. Ukumva ivyo bibaye ntuzogire uwo uhamagara canke uwo uja kuraba, uzokwugare ugume ku gicaniro cawe niho nzokuzigamira.”
  10. Imana iti:” Musome bgoko bganje amajambo ari muri [2 Ingoma 20 :2-19 na Yeremiya 38 :6-20] kugira ngo mwese mumenye ingene nkora jewe Uhoraho Imana yanyu.”
    Uwizera wese asabga kwisomera aya majambo dusanga muri Bibiliya Yera kugira ngo atahuzwe na Mpwemu w’Uhoraho ingene bigeye kugenda mu buzima.
    Umwami wacu Yesu Kristo Yamamare!