

ABANTU BAPFUYE BAGAHAMBGA BARIKO BARAGARUKA KUBERA AMASENGESHO Y’ABERA BAGASUBIRA KUBA BAZIMA.
Hariho ibintu uvyumvise bivugwa wokwibaza yuko ari ibitito, imigani canke ubuhumvyi bg’abantu. Ariko muvyo ukuri mu Burundi turibonera ivyo bitangaza. Kuva aho Ihanga Ryera ry’Imana ritanguriye amasengesho yo gusangangura ibikorwa vy’amareba, abarozi batari bake barihanye, abanse kwihana bama bakorotse iyo bagurutse mu kirere bagiye kuroga nkuko twaberetse bamwe muribo.
Ubu tugeze aho abagizwe imbohe ikuzimu barekurwa kwa satani bakagaruka mw’isi y’abazima. N’abagizwe imbohe n’abarozi nabo nyene baraja ahabona bakidegemvya mbere bagashima Imana.
Tuzoguma dusenga mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo kugira ngo ababoshwe n’ubushobozi bg’umwijima babohorwe kuko twarahawe ubgo bushobozi [Yesaya 61:1]
Akarorero ka mbere ni ako umwana yapfuye amaze imyaka 10 baramuhamba. Inyuma y’imyaka 10 yarazutse arasengerwa ubu ni muzima kandi aguma atubarira amabanga yi kuzimu. Ari muri zone Gisenyi, commune Busoni, Intara ya Kirundo. Ubu afise imyaka 20.
Akandi karorero ni umwana yapfuye baramuhamba mu ntara ya Bubanza muri Commune Gihanga ku musozi wa Rugunga. Yagiye gusubira kuboneka haciye imyaka 5 atorotse umurozi yamuzuye akamujana iwe aho yahora amugaburira ivyatsi nk’igitungwa.
Tuzoguma dusengera imitwaro itandukanye ababoshwe babohoke, abafashwe mpiri barekurwe kuko igihugu cacu ni ishamvu ry’Imana. Aha rero turaburiye abarozi n’abakoresha ubushobozi bg’umwijima bose yuko aribo bagezweko, Imana irihagurukiye.
Iyi mburi ya nyuma yerekeye umuntu wese umukuru n’umuto, uwutegekwa n’uwutegeka, uwukorera leta n’uwokorera utwiwe, abataja gusenga mu masengero n’abasenga, uwuri mu gihugu n’uwuri mu mahanga. Uhoraho Imana atanze iminsi mike kugira ngo uwukoresha ubushobozi bg’abarozi abe yabuhevye yihanye kugira ngo ntabone ibira. Ihane, ihane, ihane tugusengera.
- Habarirwa abapfumu n’abaja kuraguza ku bapfumu.
- Habarirwa umuntu wese yambarira canke agendana ibiheko.
- Habarirwa Umuntu wese yashize munzu canke yashitse murugo canke atunze ivyo yakuye mu banyamareba
- Habarirwa abantu mwambaye imigufu, imidari n’impeta vyatongerewe ngo bihawe ubushobozi.
- Habarirwa Umuntu wese yatanze ikimazi c’umuntu canke c’abantu.
-Habarirwa umuntu wese yagiye ikizimu canke akorana n’abaja ikuzimu kurondera ubushobozi. - Habarirwa abantu batanga ishano, isumu n’ibindi vyica.
- Habarirwa abantu batega amageza, ubudago, ibihago…
- Habarirwa mwebge mwebge munywa imiti y’imihamurano.
- Habarirwa mwebge mwicisha indasago mu gacisha imigisha ngo mu kingirwr canke mwironkere ubushobozi.
-Habarirwa mwebge muroga abandi ngo bapfe canke barware. - Habarirwa mwebge murengeka n’abakoresha urugombeko urwarirwo rwose.
- Habarirwa mwebg mukoresha imiziro y’igipagani n’ibindi bihumanya igihugu cacu.
Uhoraho Imana yacu ivyo yavuze ku gihugu cacu bigiye gushika. Nico gituma dusemerera ngo abantu bihane. Tugendera ku cagezwe gihambaye [ Gusubira mu vyagezwe 18:10-14]
Umwami Yesu Kristo Yamamare!