Abasenga ni muhaguruke dutakambire Uhoraho Umana yacu ahindure ibintu ntu mu gihugu cacu.
Iyi nkuru irakwiriye gukora ku mutima umuntu wese akunda igihugu kugira ngo abone yuko abantu bari bakwiriye gukingira abageze muzabukuru aribo babagandagura. Kw’igenekerezo rya 17/10/2021, isaha zine mu gitondo ku musozi yaranda zone kirundo Rurale; umugabo yitwa nzobonimpa Eric yishe umutamakazi yitwa Kobedetse wimyaka 75. Nzobonimpa akaba yafashwe ariyemererako yamwishe akoresheje ubuhiri amukubise mu mutwe. […]