Kwigereranya na Yesu Kristo si ubusazi n’ubupfu gusa ni ukuba anti-Kristo

UMWAMWI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO NTIYIGANWA UWIGERERANIJE NAWE APFA RUBI. Uwufise amakenga arabaze satani. Yatanguje il ntambara mw’Ijuru aca akororerwa ikuzimu. Yahenze abantu bakora icaha Yesu Kristo aca yihindura umuntu aza gucungura abantu, arababazwa, arapfa arahabga, aja i kuzimu amunyanga imfunguzo za rupfu na kuzimu araziduhereza none ubu turidegemvya. Uwo Yesu Kristo ntawumwigana kandi ntawokwigereranya […]