Hanga Ryera ry’Imana, Shengero rya Yesu Kristo ni mwitegure kwakira amasezerano/ Jean Bosco Barakamfitiye.

“HANGA RYERA RY’IMANA, ITEGURE KUKO MUGIYE KWAMBUKA YORODANI MUSHITSWE KU MASEZERANO Y’IMANA.” Jean Bosco Barakamfitiye 24/10/2021.
Uyo muvugishwa yahawe ubutumwa buvuga yuko “ISHENGERO RYA YESU KRISTO – IHANGA RYERA RY’IMANA ryo kwitegura kuko bagiye kwambuka Yorodani kugira ngo bashikanwe mu masezerano.” Uhoraho Imana yararivumereye. Ubgo butumwa yemeza neza yuko yahawe n’ijuru ubgabgo burikwije nta kindi co kugerageza kubgambika bukeneye kiretse ugomba kubuha intumbero atari iyo Imana. Uyo muvugishwa yagerageje gusigura icarico ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA nkuko aritahura mu bgenge bgiwe nk’umwana w’umuntu. Bibiliya Yera niyo yonyene muhinga adutomorera icarico ISHENGERO RYA YESU KRISTO – IHANGA RYERA RY’IMANA.

  1. Yohana, intumwa ya Yesu Kristo yeretswe IHANGA RYERA RY’IMANA-ISHENGERO RYA YESU aca yandika mu [IVYAHISHURIWE YOHANA 7:9-10] ati: “Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, atawoshobora kuriharura, bo mu mahanga yose, n’imiryango yose n’amoko yose yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera bari n’amashami y’ibigazi mu minwe: Basemerera n’ijwi, bati agakiza ni ako Imana yacu ivyagiye ku ntebe n’akumwagazi w’Intama.”
  2. Umuvugishwa n’Imana Mose akaba ari nawe yari yatoranijwe n’Imana ngo arongore Ihanga rya Isirayeli, yibukijwe abatoranijwe n’Imana abaribo kandi yuko bategerezwa kwitandukanya n’ayandi mahanga. Yanditse mu [GUSUBIRA MU VYAGEZWE 7:6] ati: “Kuko muri IHANGA RYERA RYAROBANURIWE Uhoraho Imana yanyu; kandi Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo kw’isi ngo mube Ihanga yiharije.”
  3. Intumwa Petero aratubarira ivyo Ihanga Ryera ry’Imana, Ishengero rya Yesu Kristo muri [1PETERO 2: 9] yanditse ati: “Ariko mweho muri ubgoko bgatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abahereji, muri Ihanga Ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza ikabashira mu muco wayo utangaje.”
    Nk’uko duhabga umuco n’iyo mirongo yo muri Bibiliya Yera, umuntu wese aratahura icatumye Uhoraho Imana atwita ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA. Ni uko turi abizeye Yesu Kristo, bihanye ivyaha vyabo, bejejwe, bujujwe Mpwemu Yera bagakorera Uhoraho Imana kuko twahawe iryo sezerano ry’ubgami bg’Imana. Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, basanzariye mu bihugu bitandukanye, mu madini n’amashengero atandukanye mugabo noneho Yesu Kristo yabahamagaye ngo bamukurikire we ubgiwe aheze abarongore mu kubashitsa ku kugororoka kwose.
    Uwatanze ubuhanuzi buvuga ngo SHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA NI WITEGURE KWAMBUKA YORODANI, ntiyihenze kuvuga yuko hariho abakoresha izina IHANGA RYERA ukutariko mugabo nawe yihenze cane mu kuvuga ivyo amadini agaheza akavuga yuko mw’Idini rya Islamu hariyo abizeye Yesu Kristo kuba umwami n’umukiza w’ubugingo bgabo, babatijwe kandi bagahabga Mpwemu Yera mugabo bakaguma muri iryo dini barindiriye.
    Ntakuri kurimwo kuko isilamu ntiyemera Uhoraho Imana Yehova n’akaranga kayo kandi ntiyemera Yesu Kristo yuko ari Imana yigize umuntu kugira ngo icunguze abaremwe bose amaraso yayo ku musaraba. Iyo avuga yuko muba isiramu nko muyandi madini hariho abazokwizera Yesu Kristo, abazihana, bakezwa kandi bakuzuzwa Mpwemu w’Imana aho yari kuba avuze ukuri kuko ubu butumwa tuvuga mw’IHANGA RYERA RY’IMANA arico bugamije. Nayo ahandi Bibiliya iratubgira yuko impwemu yose n’umuntu wese atatura yuko Yesu ari Kristo kandi yuko ari umwana w’Imana ntiba yavuye ku Mana. [1 YOHANA 4:3, 4:15].
    Impwemu yo kubohwa n’amadini n’amashengero izingamitse abantu benshi. Hariho abakoresha ubgenge bgabo bakigisha ubgoko bg’Imana ngo nibasohoke canke ngo ntiharagera gusohoka mu madini, baragabe kuko bazosanga bariko baranyinyurana n’Imana mu gufata ikibanza ca Mpwemu Yera. N’ubu tuguma twibutsa umuntu wese kwigiza kure ivyerekeye imigambge n’imiharari, kwirinda gufatwa n’amadini n’amashengero; kwiyambure amacakubiri y’ubgoko n’imiryango kugira ngo atandukane n’icaha cose n’igisa naco. Aho niho wo kwihererana n’Uhoraho Imana kugira ngo ayisiguze ico akwiriye gukora. Umuntu wese ku giti ciwe ni amenye ico Uhoraho Imana imushakako kuko niyo yamuhamagaye kandi izi umugambi imufiseko. Rongorwe n’Imana [Abaroma 8:14].
    Umuvugishwa Jean Bosco Barakamfitiye yagize incamake z’inyigisho zisanzwe zica ku mihora y’ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA zerekeye ibibi abantu bakora kw’isi kandi biyita yuko ari abanyamashengero kandi bakijijwe, izo nyigisho zigahamagarira abantu bose kwizera, kwihana no kwezwa kugira ngo abantu bazobone ukugira neza kw’Imana. Dusabe abavugishwa kuja barashikiriza ivyo baba bahawe batavyongeyeko canke ngo babigabanye, na cane cane bareke kubivanga n’inyigisho zabo no gutahura kwabo kuko abantu bakenera kumenya ico Uhoraho Imana yavumereye gusa. Hari umwanya wo kuvugishwa, hakabaho n’umwanya wo kwigisha. Ikintu cose mu mwanya waco.
    ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA, si idini canke Ishengero nkayo yandi mashengero mubona; ni umugambi w’Uhoraho Imana wo kwegeranya intama zayo, gutegura umugeni wa Yesu Kristo no gutwara ubutumwa bga nyuma bg’ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose. Nta kivange c’amadini n’amashengero co shitsa iyo ntumbero y’Imana, nta bantu batejejwe ngo bavugutirwe bojana ubutumwa kw’isi; ni abatoranijwe bagahabga ubutware n’ubushobozi bonyene bahawe iryo banga.
    Umwami Yesu Kristo yamamare!