Umwanya uwariwo wose kuva ubu Uhoraho Imana ashobora gushitsa isezerano ku gihugu cacu.

“UMWANYA N’UMWANYA ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA RIRASHITSWAKO AMASEZERANO Y’IJURU, ISHENGERO N’IGIHUGU” Gitega, VYIZIGIRO Akissa, imyaka 13 yiga muri 8 ème.

Akissa VYIZIGIRO ni umwana w’imyaka 13 gusa yiga mu mwaka wu 8 w’amashure shingiro mu ntara ya Gitega. Muri iri joro ryakeye yavyutse isaha umunani z’ijoro kugira ngo asenge nk’uko yama abigenza hagati ya sa munani na sa cenda z’ijoro, aca ajanwa mw’iyerekwa ridasanzwe. Nkuko mushobora kumwiyumvira kuri Radio Isezerano Internationale, yabanje kujanwa kwerekwa ibibera ikuzimu aho abo kwa satani bamusavye ngo ababgire amabanga y’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana kuko abatumwe n’ikuzimu kuza kurisambura bose bahuye n’ingorane.

Yahavuye atwarwa kwerekwa ivyo mw’ijuru. Yagarutse azanye amabanga menshi kandi azaniye ubutumwa ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA. Umuntu wese akizimagirika arakwiriye kuzimuruka akamenya yuko Uhoraho Imana yamaze kwitoraniriza IHANGA RYERA RY’IMANA ari naryo SHENGERO RYA YESU KRISTO kandi yuko abo BATORANIJWE yabahe amabgirizwa abagenga bagenderako, yabahaye ibendera GAKIZA, MUTABAZI na VYIZIGIRO kandi yanabahaye uburongozi bumwe n’amasezerano y’intahava yo kuja mw’ijuru, ayo ku gihugu n’ayo kw’ishengero. Uhoraho Imana ntagendana n’ihanga risabagiye kandi ritagira intumbero. Nico gituma yaduhaye “Umubiri umwe [Ishengero rya Yesu Kristo], Mpwemu umwe [Mpwemu Yera], icizigiro kimwe [Amasezerano ntabanduka], Umwami Umwe [Yesu Kristo], Ukwizera kumwe [Ugucungurwa na Yesu Kristo],Ukubatizwa kumwe[Muri Yesu Kristo], n’Imana imwe niyo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose,ari muri bose” [Abanyefeso 4:4-6]

Uwo mwana Akissa VYIZIGIRO yeretswe ivyo mw’ijuru yazanye ubutumwa buhambaye yakuye k’Uhoraho Imana. Imana yacu iguma ishingira intahe ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA agira ati:

1. Umwanya n’umwanya Uhoraho Imana arashitsa ivyo yasezeraniye kuri mwebge ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA. Iyavuze ije gushitsa amasezerano.

2.Twese hamwe twirinde ntitube ibijora ariko twame kw’izamu nk’uko twayatondekewe n’ijuru, umwe wese yiyuzuze na mugenzi we, mwitandukanye n’imigambge, amadini n’amoko kandi ntihagire ukora icaha.

3. Hari vyinshi Imaza yamaze kurangiza kugira mu mpwemu no mu mubiriri kugira ngo ishitse amasezerano yayo, isigaje kubishira ahabona gusa.

4. Hariho abiyitirira Ihanga bataririmwo kuko batarizi, ngo kandi abo nibo bihaye kuvugira Uhoraho Imana yanyu ivyo atavuze, igiye guhigura nabo. Ntihagire uwujuragizwa n’ibihuhuta, mwumire kuvyo mwahawe.

Uwo mwana w’imyaka 13 gusa y’amavuka yatwawe mw’ijuru mw’iyerekwa hari vyinshi yokwigisha abavugabutumwa n’abavugishwa b’iki gihe kuko benshi baharamira ivyubahiro, amaronko no kwitwa abarongozi b’abantu. Kubona Uhoraho Imana yarihagurukirije Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana idaciye kuri abo bantu bakunda ivyubahiro, amaronko no kwishira hejuru; vyabateye ishari n’inzigo bituma satani abagira imigambi yo kujuragiza abana b’Imana. Bamwe baciye bikorera ico bita “ihanga” ngo bahiganwe n’IHANGA RYERA Uhoraho Imana yihagurukirije, abanda nabo, atanagasoni bagira bigisha abantu ngo ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA ntiribaho ku buryo bugaragara, ngo ni abibaza bose yuko bizera aho bari hose mu madini no mu mashengero na Isilamu irimwo.

Abigisha izo nyigisho z’ikinyoma kw’ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, ni ukurogota k’Uhoraho Imana we yisangiye umuntu wese mu mutima akamwibira akabanga yuko yihagurukirije ihanga kugira ngo rimukorere ku mugaragaro nk’uko yahagurukije Isirayeli ya mbere ariko yihagurukirije isirayeli ya kabiri. Ni abantu baboneka, bazinanyi, bafise ico Uhoraho yababariye kandi bafise n’urugendo ruzwi neza. Yabikoze uko kugira ngo iryo Hanga ryiwe ryizere, ryihane, ryezwe kandi ryuzuzwe Mpwemu Yera maze rije gukwiza ishemwe ryiwe mu kwigisha abantu bose kwizera, kwihana, ribabatize, bezwe kandi buzuzwe Mpwemu Yera nabo bakorere Imana.

Uwigisha yuko ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA ari abantu bariko barihumaniriza mu madini n’amashengero. Ni igitutsi kandi ni ukutamenya umugambi w’Imana ku gihugu cacu. Naho woba uri umwigisha, umuvugishwa canke uwundi mu nyengabire, ucibaza yuko Ihanga Ryera rigizwe n’abantu bacifatanya n’amadini Uhoraho Imana yazinutswe, basanzaye kuko batagira uburongozi kandi badafise intumbero bahawe n’Uhoraho Imana; uwo muntu arateye ikigongwe. Akwiriye kuja kwihererana n’Imana ayisiguze kugira ngo areke kuyivugira ivyo itamutumye.  

Umuntu wese muzobona afise intumbero yo kuzana ibice muze mu muhanure mutariye umunwa kandi mu musengere kuko satani ariko akora cane ngo asamabure kandi ajuragize benshi ababuze kujabuka yorodani.

Umuntu muzobona afise ukwinubana, urwanko, inzigo, kudakunda abandi, yama arondera kwishira hejuru muze mu musengere kandi mu muhanure kuko ako ni akameremere ka satani, ubgibone.

Abantu boba bavuga ibihushane kuko bapfa ivyo amasezerano y’Imana barihenda cane kuko uwo Uhoraho Imana yamaze kutoranya ataravuka ivyo yamugeneye bidahinduka gushika isezerano yahawe rishitse. Nta muntu n’umwe ashobora gushingura akarimbi Yesu Kristo yashinze.

Iyo uriko urigisha abantu ijambo ry’Imana mu mashengero, ushinga intahe, canke usemerera mu masoko no ku bituro vy’ingenzi uhura na vyinshi. S’uko umu isiramu, umu shembe, umu Buda canke uwusenga Kiranga avuze agushingira intahe y’uko ari Imana y’ukuri yaguhagurukije uca wibaza yuko abo bantu bacitse aba Kristo Yesu canke batoranijwe. Haba nabamba, mwigire ku bapfumu.

Bibiliya iratwereka neza yuko impwemu zihumaye zishingira intahe abariko barakora umurimo w’Imana. « Bukeye tugiye aho basengera, duhura n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yaratungishije ba shebuja kubg’iyo ndagu. Uyo aradukurikira twebge na Pawulo, asemerera, at’aba bantu n’abasavyi b’Imana Isumba Vyose kandi bababarira inzira y’agakiza. Amara iminsi myinshi agenza atyo. Ariko Pawulo adundumiwe, arahindukira abarira dayimoni ati: Ndakubariye mw’izina rya Yesu Kristo muvemwo! Amuvamwo muri ako kanya. » [Ivyakozwe n’Intumwa 16 :16-18]

Akissa VYIZIGIRO, uwo mwana w’imyaka 13 gusa yamavuka yabariwe n’Uhoraho Imana yuko twahawe amaso y’impwemu nayo umubiri yo kubona. Uhoraho Imana aratugabisha ngo tumenye yuko hariho abiyita abavugishwa banyuragira mu misozi itandukanye mugabo atari Uhoraho Imana yabatumye. Bamwe basanzaza imburi zabo ku mihora itandukanye, abandi bakagendera ibicaniro bitandukanye bigisha ibinyoma. Kugira ngo bareshe abantu batanguza ubuhanuzi bg’ukuri bumvana abavugishwa b’Ihanga Ryera ry’Imana hanyuma bagaheza bakabuvanga ibinyoma vy’amarangamutima yabo. Mwitondere abigira abavugishwa, ntimujane nyabahururu.

Nk’uko Uhoraho Imana abicishije mu butumwa, abavugishwa n’abasemerezi batandukanye, yabishikirije abantu bose; iki ni ca gihe co gucagagura imigozi y’ikintu cose cokubuza kwibonera ubgiza bg’Imana. Ni mube kure y’imigambge n’imihari, amadini n’amashengero, amoko n’imiryango, n’icaha icarico cose kugira ngo ube mu Mana yonyene. Mukomeze kwumvira Mpwemu Yera muri vyose.

                                 Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!