Abantu bariyahura cane mu gihugu, ntube muri ico gitigiri Yesu Kristo aragutabara.

ABANTU BATARI BAKE BARIYAHURA KUBERA IMIBABARO YO MU MUTIMA, NTUKABE MURI ICO GITIGIRI

Mu kirundi iyo umuruho urenze na cane ibibi biguma vyiyonderanya, uza wumva umuntu agize ati ukwiyahura kuraguma. Mu gihugu cacu c’Uburundi hariho abantu bashikirwa n’ibibabaza bitari bike. Ivyo navyo ukabisanga mu karere k’ibiyaga binini nka kose. Vyinshi usanga bifatiye ku bukene butagira uko bungana n’intwaro z’ibihugu ataco zifasha abanyagihugu atari ukubaremereza ingingo ugasanga abanyagihugu ntibaronka ivyo bafungura bikwiriye, iyo barwaye ntibaronka uburyo bgo kwivuza ntibabone kazoza kabo. Ku magorwa bene ayo hiyongereko ukutumvikana mu miryango bitera benshi kwihebura gushika naho bahitamwo kwiyahura.
Mu gihugu cacu, ukwiyahura kubera ibibabaza vyinshi bisa n’ivyabaye umugenzo kuko hari abaguma biyahura. Ibiharuro vyerekana yuko hariho umuntu yiyahura kira kwezi. Ivyo ntibihumuriza kuko ukwiyahura si ikimenyetso ciza ku gihugu kandi si n’ikimenyetso ciza ku miryango. Hariho ibiharuro vyigeze gutangwa vyerekana yuko ibice birenga 43 kw’ijana vy’abarundi bagendana ubumuga bg’ingwara zo mu mutwe mugabo ari leta canke izindi nzego ntizabihaye agaciro kubera ubukene burimwo n’ugushaka guke kw’ababijejwe canke kuko atariyo ntumbero yabo.
Uyu munsi tugeze aho ku munsi umwe hamenyeka yuko hiyahuye abantu babiri mu rwaruka. Hari igihe abo aribo baba bamenyekanye kuko hariho vyinshi bibera mu gihugu bitaja ahabona. Abamenyekanye biyahuye mw’ijoro ryakeye ni umwigeme Jeanette NIJIMBERE aturuka i Buhiga mu ntara ya Karuzi yiyahuriye mu Maramvya i Bujumbura. Hari n’umusore wo muri zone Cibitoke mu ntara ya Bujumbura nawe nyene basanze yiyahuje umugozi mu kwimanika. Ikibazo c’amagara y’abantu ama leta yarakwiriye kugifata mu ntoke ishizemwo umwete.
Mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera Ry’Imana dusaba umuntu wese yaba umwana, umusore, inkumi canke uwukuze kurondera ubufasha ku bakozi b’Imana mu gihe bahuye n’ibibaruhisha mu mutima no mugihe bumvise iciyumviro co kwiyahura kibaciye mu vyiyumviro. Ukwiyahura ni icaha kitababarirwa gituma ugikoze aba yishe Umuntu kandi ata kandi karyo aronka ko kwihana. Ukwiyahura siyo nzira yo kurangiza ibibazo vyawe. Hariho Yesu Kristo yiteguriye kukugira uwidegemvya mu kugukiza imibabaro yawe yose.
Uragomba ubufasha, turondere kuri:
+1605 400 5580
+257 69 04 05 14
+257 69 10 81 30
+257 61 40 41 81
+27 63 184 7803
Umwami Yesu Kristo arakuruhura!