Mwibuke kwumva no gukora nico cerekana abana b’Imana.

IVYAVUYE KU MUSOZI W’AMASENGESHO 01/11/2021.

Umusi wo kugaruka kw’Umwami wacu [Malaki 4:4]
1.Ehe raba, umusi uraje, waka nk’itanure; abibone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatongora, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana. 2. Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.
3 Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 4 Ni mwibuke ivyagezwe vy’umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.
Twariko turasenga ku gicaniro c’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana nk’uko bisanzwe. Tukiriko turatazirisha n’indirimbo, tuvuza ingoma, ipendo kandi
dukoma amashi amashi, ababishoboye barahagurutse baratambira Uhoraho Imana yacu mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo. Hagati y’indirimbo n’iyindi,
habaye agacerere tutari twiteze aho Uhoraho Imana yururutse avugana natwe aciye mu musavyi wayo ati: “Ni mwumve, ni mwumve nd’Uhoraho Imana yanyu,
Imana ya Aburahamu, Yakobo, Mose, Yoshuwa na Dawidi. Nd’Uhoraho Imana
y’Ihanga Ryera nitoranirije I Burundi. Nje kuvgana namwe ibi bikurikira:

  • Ingoma ya Yesu Kristo yaramaze gushingwa muri iki gihugu c’Uburundi
    kandi ni ntabanduka. Mwese mwitegurira kuyamamaza.
  • Ni mwame mwejeje kandi mu tunganye ingeso zanyu kuko ngira
    ndabajabukane Yorodani ndabahe igihugu nabasezeraniye.
  • Ni mwitandukanye n’imigambge, amadini n’amoko kuko ngomba yuko muba inyegu yanje yo mw’ishamvu yanje, jewe Uhoraho.
  • Uwanka kwumvira amajambo ndababgira ntazoshika mu gihugu nabasezeraniye kuko ata kivange mw’Ihanga ryanje jewe Uhoraho.
  • Ni mwongere musome kandi musomere ubgoko bganje amajambo yanditse muri [Malaki 4:1-4] no muri [Yeremiya 7:1- 15].
    Tumaze gusoma no kwumva ayo majambo, naho twari dusanzwe tuyamenyereye twarahinze agashitsi maze umwe wese atangura kwisuzuma
    yuko adatambikije mu kintu na kimwe kandi yuko yubahirije ibintu vyose Uhoraho Imana yadutegetse kimwe ku kindi kuko igihe kiratujanye.
    Imana yongera kwinginga abantu ngo bihane [Yeremiya 7:1-15]
    1 Ijambo rivuye k’Uhoraho riza kuri Yeremiya, 2 riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatangarize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.
    3 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobabesha aha hantu. 4 Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!
    5 Erega ni mwatunganya ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, ni mwaca imanza ziri hagati y’umuntu na mugenzi we, 6 ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’utacumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago: 7 nuko nanje nzobabesha aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza, uhereye ubga mbere ugashitsa ibihe bidashira.
    8 Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi! 9 Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya, 10 maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?
    11 Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze. 12 Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.
    13 Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe; 14 nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu. 15 Kandi nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.
    Ni muzirikane ijambo ry’Imana ntimusamazwe n’ivyiyumviro vyanyu canke amajambo y’abantu. Abana b’Imana barangwa no kwumva no gukora.
    Umwami Yesu Kristo yamamare!