“Ingoma ya Yesu Kristo yamaze gushingwa mu Burundi kandi ni ntabanduka” Uhoraho Imana.

INGOMA YA KRISTO YESU YAMAZE GUSHINGWA MU GIHUGU C’UBURUNDI KANDI NI NTABANDUKA” Uhoraho Imana, Nyamutobo, Ruyigi.

Ubu ni ubutumwa buhambaye ku bakozi b’Imana bari mu mashengero atandukanye ari mu gihugu c’Uburundi. Umuntu wese yoba uwusenga canke uwudasenga buramuraba kugira ngo atahure yuko amazi atakiri yayandi.
Hari hategekanijwe amasengesho y’abarongozi, aho abafise amabanga mw’Ishengero, bamaze iyo iminsi ibiri bari baje bava mu barongozi bo mu mashengero icenda agize misiyoni yabo. Bahejeje iyo minsi ibiri muri ayo masengesho, Mpwemu Yera yasumiye umwe muribo kandi asanzwe atemera ivyo ubuvugishwa cane.
Uhoraho Imana araheza abagiriza ivyaha vyinshi gushika naho abirukana muri ayo masengesho bagenda batihanye kandi ata n’imbabazi bahawe. Yagumye ababgira yuko agomba kubakuramwo abitwa abarongozi muribo kuko bishe umurimo wayo. Imvugo yabaye ingiro baramaze guhamba umwe muribo kandi ni bitegure no guhamba n’abandi.
Imana yaradomye urutoke kuvyaha bikorerwa mu mashengero bikanakorwa n’abarongozi muri abo bari bamaze iminsi ibiri bariko barasenga. Yabagirije:
1.Ubusambanyi 2. Ishari 3. Ububeshi 4. Gukebana 5. Akaborerwe 6. Inzigo 7. Amacakubiri 8. Ubgibone 9. Urwanko10. Kwanka kurongorwa na Mpwemu Yera n’ibindi. Ivyo bagirijwe n’Imana kuri iyo misiyoni muri ayo masengesho bose mu bari ngaho bavuga yuko ari ukuri ivyo vyaha babikora gose kandi vyibonekeza. Uhoraho Imana yavuze yuko agiye guhigura n’abitwa ngo ni abakozi bayo mugabo bakazivya Mpwemu Yera bagatako bagakora ibizira bibanza ngo ntababona.
Mbega yoza mw’idini iwanyu, mw’ishengero iwanyu, mu mutima wawe yokwagiriza ibihe vyaha
Umuntu wese ni yisuzume.
Uhoraho Imana yarabamenyesheje yuko no mu yandi ma misiyoni no mu yandi mashengero yitirirwa KRISTO YESU agiye gucishaho umukubuzo bahambe basubire bahambe kuko yarababuriye bagamika izosi baranka kwihana. Uhoraho Imana yasemereye n’ijwi rirenga ngo «INGOMA YA KRISTO YESU YAMAZE GUSHINGWA MU GIHUGU C’UBURUNDI KANDI NI NTABANDUKA». Yarababariye yuko mu bindi bihugu naho nyene bagararije Uhoraho Imana mu mashengero mugabo yuko isangamwo nka 10 canke 30 mu gihugu kimwe, 40 mu kindi n’ahandi nka 50. Imana iragomba yuko Abarundi bizera, bakihana, bakezwa bakanavugutirwa kuko yabatoranije ngo bamubere Ihanga Ryera. Ikibarirwa ni icumba kandi icerekwa n’ikibona.
Hariho abantu bumva tuvuga yuko mu Burundi hari Ihanga Ryera ry’Imana, bamwe bakibaza yuko ari nk’ivyiyumviro vya politike canke nk’idini nabo bagashaka kuryigana badendekeranya utu na turiya, abo bagiye guhura n’Uhoraho Imana yashize imbabazi ziwe ku ruhande kuko bagerageza kuvuguruza Uhoraho Imana*
Abandi nabo bumvise ivyo Ihanga Ryera ry’Imana bibaza yuko ari abasohoke canke abizera batambikije mu madini n’amashengero bakongera bakumviriza imburi n’ubuhanuzi vyo mu vyumba vy’amasengesho. Abo nabo nyene barihenda.
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, ryari ryarasanzariye mu buzima bgose bugize ihigihugu, mu bihugu bitandukanye no mu mashengero atandukanye mugabo noneho Yesu Kristo yabahamagaye ngo bamukurikire we wenyene aheze abarongore mu kubashitsa ku kugororoka kwose.
Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, si idini canke Ishengero nkayo yandi mashengero; ni umugambi w’Uhoraho Imana wo kwegeranya intama zayo, gutegura umugeni wa Yesu Kristo no gutwara ubutumwa bga nyuma bg’ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose. Nta kivange co shitsa iyo ntumbero y’Imana, nta bantu batejejwe ngo bavugutirwe bojana ubutumwa kw’isi; ni abatoranijwe bagahabga ubutware n’ubushobozi bonyene bahawe iryo banga.
Ntihagire uwuguma mu kuramenya canke ngo ajuragirike. Hariho abavugishwa benshi Uhoraho Imana yahishuriye uyo mugambi wayo, bamwe batwarira hejuru ntibarondera kumenya neza ico Imana yabahamagariye neza, abandi bakivugira gusa imburi n’ubuhanuzi ntibamenye ico bakwiriye gukora kugira ngo Imana ishitse isezerano ryayo. Umuntu wese ataratahura uyu mugambi w’Imana co kimwe n’uwawutahuye, bose ni bigize kure ivyerekeye imigambge n’imiharari, bashira kure ivyo amadini n’amashengero; biyambure amacakubiri y’ubgoko n’imiryango kugira batandukane n’icaha cose n’igisa naco babone kwihererana n’Uhoraho Imana kugira ngo bayisiguze kuvyerekeye umugambi wayo. Menya neza Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana.
Umwami n’umukiza Yesu Kristo yamamare, Amen!