Muragabe: Uhoraho Imana yarahiye yuko atazosangira icubahiro ciwe n’umuntu n’umwe. Nti murwe mu kutamenya!

UHORAHO IMANA YARARAHIYE YUKO ATAZOSANGIRA ICUBAHIRO CIWE N’UMUNTU CANKE IKIGIRWAMANA. Muri ibi bihe vy’iherezo tugezemwo hari vyinshi bigerageza kugwisha aba-Kristo mu kubabuza ingendo nyakuri bahamagariwe. Muri ivyo hariho bimwe satani akora yinyegeje n’ibindi akora kumugaragararo. Kandi igihe cose ariko arayovya, abantu benshi bakimbukira ibinyoma kuko ababgira utujambo dusosa tutagiramwo ukuri na gukeya. Akanabasamaza mukuvuga utu […]