Ivyo Uhoraho Imana yahishuye ku basenga muri ibi bihe.

Ivyavuye ku musozi w’Amasengesho kuri uyu wa 21-09-2021
Iyo usenga banza utunganye ingeso zawe wezwe kuko amasengesho y’umunyavyaha ari igisesema mu matwi y’Uhoraho Imana. [Imigani 15:8, 1 Petero 3:12]
Iyo usenga, tumbereza amasengesho yawe ku kiri ku mutima wawe ushaka kwiganira Uhoraho Imana, ukoreshe amajambo yawe utahura, nturwize amajambo menshi atagira akamaro ngo umere nk’abapagani. [Matayo 6:7]
Iyo usenga, ntugakekeranye yuko Uhoraho Imana atumva kandi yuko atazokora ivyo wasavye. Gira ukwizera ntukekeranye. [[Yakobo 1:6-8]
Iyo usenga ishimikiza izina ry’ubushobozirya Yesu Kristo, usenge muri iryo zina rya Yesu. Satani nta jambo agira [ Luka 10:17] Abadayimoni barahunga [ Mariko 16:17-18] Abarwaye barakira[ Ivyakozwen’Intumwa 3:3, 1:16, 4:10] Ugukizwa ni muri iryo zina [ Abaroma 10:13] Muri iryo zina niho twabatirijwe [Matayo 28:19] Niho twerejwe [1 Abikorinto 6:11] ivyo dukora vyose n’ivyo tuvuga vyose ni muri iryo zina[ Abikolosayi 3:17]
Iyo usenga, wibuke gusengera abandi n’imitwaro yabo kuko niho nawe wishurwa umugisha incuro kabiri. [Abayefeso 6:18, Abikolosayi 1:9, Yakobo 5:16]
Iyo usenga, wibuke gushima no gukenguruka ku vyiza yagukoreye. Kuba ukiriho yarakurinze, kuba ufise ukwizera, kuko ni ubuntu butangaje. [Abifilipi 4:4-7, Abikolosayi 4:2, 1Timoteyo 4:4-5, Zaburi 106:1, Abaheburayo 12:28-29]
Iyo usenga, wongereko gusoma Ijambo ry’Imana riri muri Bibiliya. [ Abaroma 10:17, Abaheburayo 4:12]
UMWAMI YESU KRISTO YAMAMARE!