Nturwe mu mugararizo uwita ngo ni ihamwa ni ikinyoma ca satani.

HARIHO UGUHAMWA HAKABAHO NO GUHANIRWA UMUGARARIZO.

Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ni ashimwe bgoko bg’Imana. Twaraburiwe kenshi n’ijambo ry’Imana kuko twatumwe gukorera Uhoraho Imana mw’isi y’amabingira y’inkazi, duhanurwa kugendana ubgitonzi n’inuma no kugendana ubgenge nk’inzoka. Ayo majambo arahambaye kuko atahurwa na beneyo. [ Matayo 10:16]
N’uyu munsi Mpwemu Yera akomeza kutuburira ngo twihane ivyaha vyose, dukorane aho bishoboka kandi tuje mu mirimo Data wacu adutumye gusa kugira ngo tureke kwiyerereza nk’impene zo muci ntiduhure n’umuriro wa nyakanga. Uwufise amatwi yo kwumva aratahura ico Mpwemu w’Imana ahishurira Ishengero.
Satani nawe ku rundi ruhande nti yicaye. Aguma agerageza gusuka abantu mu mugararizo nk’uko mw’ijuru yakuweyo no kugarariza. Ategeka ibintazi ngo genda mwigishe inzu ku yindi mukoranire mu vyumba aho mushatse hose kuko umukozi w’Imana yama ahamwa. Ico ni ikinyoma cambaye ubusa kandi ni ubukozi bg’ikibi kbishe bg’umurwanizi. Mwibuke yuko yagerageje Kristo Yesu ngo nawe niyikororere hasi ngo handitswe ngo abamalayika bazomuramira. Aracakoresha ayo mayeri kugira ngo atoteze abatagira ihishurirwa. [Matayo 4:1-11]
Bagenzi, aho musengera hose, Ishengero n’ukwemera kwawe ukwarikwo kwose, ukwiriye kumenya gutandukanya icatsi n’ururo. Nk’uko mw’ijuru hari amategeko no mw’isi hariho amategeko. Nk’uko mw’ishengero hari amategeko no mugihugu hariho amategeko. Kandi udashobora kwitondera amategeko agenga umutekano w’igihugu ntushobora kwitondera amabgirizwa y’Imana utabona. Uwizera wese arangwa n’uburwaneza no kwitondera amabgirizwa y’Imana n’ayo abantu. Nico Kristo Yesu yatugeze ngo ivyo Imana tubihe Imana, ivyo abantu navyo tubihe abantu nyene. [Mariko 12:17]

  • Amategeko y’igihugu abujije abantu kwiyadukiza bakubaka aho aho basengera batabimenyesheje abarongoye akarere, abo bahanywe si ihamwa baba bahanywe n’umugararizo.
  • Amategeko y’igihugu abujije abantu yuko baja kwigisha ku nze kunzu kubera indwara y’ikiza kiba cateye canke inyigisho zihungabanya umutekano w’igihugu, ababikoze bahanye; iryo si ihamwa ni ugukora icaha.
    -Amategeko y’igihugu abuza abantu benshi gukoranira mu mihana yabo kubera ibituma n’ingingo ziba zagashwe. Ababikoze bafashwe bagahanwa kubera barenze amategeko iryo si ihamwa ni uguhunwa.
    Umwigishwa w’ukuri yizera Yesu Kristo agendana ubgenge n’ubgitonzi. Agenzwa no kwubaha ivyagezwe vy’Imana vyose n’amabgirizwa y’abantu. Ihamwa ni igihe abantu canke ubutegezi bugutoteza buguhora ukwizera ijambo ry’Imana ata kibi canke ibgirizwa rigenga abandi bose warenze.
    Satani ntasubire kugusuka ngo uriko urahamwa kandi aruko utubahirije amabgirizwa agenga Abarundi bose. Imana yaduhishuriye ngo umuntu wese yiyubare muri ibi bihe, nti mugende nk’imburabgenge.