
ABIZERA YESU KRISTO MUHAGARARE MUSHIZE AMANGA KUKO UMWAMI WACU YESU KRISTO YAHAWE IMPFUNGUZO Z’IKUZIMU KW’ISI NO MW’IJURU.
Hari abantu batiyizi ico bari abandi nabo ntibazi ububasha bahawe. Abo bose bajuragizwa n’impwemu zighagarara ku vyiyumviro vy’abantu canke ibintu biboneka.
Si uko umuntu yambaye inzahabu mw’izosi canke ku maboko aca akuruta canke s’uko umuntu aza avuga inyigisho akuye irya n’ino aca aba umwigisha wawe kuko benshi bemera ibintazi.
Hariho imirwi yiyitirira amasezerano yipfuriza aba-Kristo ukumererwa nabi. Bakama bavuga amajambo yiterabgoba atarimwo ubutumwa bubohora imitima. Ubgo ni ubupfu naho wobusekura mw’isekuro butonoga. Amasezerano y’Imana nayo aba-Kristo bihanye bakezwa bagashika ku musaraba. Ukwo nikwo kuri dusanga muri Bibiliya Yera kuva ku rupapuro rwa mbere gushika ku rupapuro rwa nyuma.
Hari n’iyindi mirwi yiziziwe n’inyigisho z’abadayimo bigisha abantu yuko hari imigambi n’ibikorwa bokora kugira ngo bicungure canke bicunguze ibikorwa vyabo. Yesu Kristo yaramaze kuducungura twese, yabikoze rimwe rizima, ico twebge dusabga gukora ni ukwizera, tukihana, tukezwa kugira ngo tube abashobora kugendera mu mabgirizwa y’Uhoraho Imana.
Akarwi k’abazimire aho kwigisha abantu guhinduka, Kwizera, kwihana n’ukwezwa. Gakwiragiza amajambo y’urwanko, ukwishira hejuru no gucokora abandi. Ukwo si ugukorera Imana ni ugusukira mu coze satani. Ijambo ry’Imana ry’ukuri rishikana abantu ku gakiza bagahinduka mu mitima. Ubutumwa budahindura ababgumva si ubutumwa aba ari amajambo atagira ubuzima.
Ni mwe mwahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na scoropiyo mu mpwemu no mu mubiri, mwahawe ububasha bgo kwugururira abandi ubgami bg’ijuru. Ni muhagarare mushize amanga kandi mukora ibikorwa vya Data [Matayo 16:13-20]
Kumenya Yesu Kristo niyo mahirwe twese twagize