Itangazo ry’Ihanga Ryera ry’Imana: Itegure kwakira inganji ya Kristo Yesu mu Burundi

ITANGAZO RY’IHANGA RYERA RY’IMANA RYO KUWA 07/10/2021.
Barundi, barundikazi, rwaruka muba mu gihugu cacu c’Uburundi namwe mwese muba mu mahanga. Tubafitiye inkuru ivuye mw’ijuru k’Uhoraho Imana yacu tugomba yuko umuntu wese, uwuhambaye n’uworoshe, uwuganzwa n’uganza bose bategerezwa kumenya.
Barundi, barundikazi, murazi yuko tumaze imyaka myinshi tubamenyesheje yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana nk’uko vyagiye birahishurwa kuva kera. Twarabamenyesheje kandi yuko urugendo rugana Uburundi bg’Isezerano rwatanguye kuko Imana yirahiriye kuza gushika ico yasezeranye ku gihugu cacu.
Kubera Uhoraho Imana yihagurukiye kuza gushitsa iryo Sezerano twamaze kubamenyesha ibirigize, nico gituma tubashikirije izi ngingo zitanu zikurikira:

  1. Turasavye yuko umuntu wese arekurira hasi umugambge canke umuhari arimwo ubu nyene kugira ngo ntibimukwegere akarambaraye.
  2. Turasavye yuko umuntu wese aterera kure idini canke Ishengero arimwo bicitwa uyu munsi kuko bishobora kumubuza kubona ubgiza bg’Imana.
  3. Turasavye yuko umuntu wese yigirwa kure y’ivyiyumviro vy’ubgoko n’imiryango yiwe kuva ubu.
  4. Ivyo bisamaza vyose tudondaguye umaze kuvyikura, uce wizera Uhoraho Imana n’umutima wawe wose, wihane ivyaha wakoze vyose kugira ngo wezwe utungane; niho ukira akabi kagira gashike kubera ivyaha vyasesereje imitima n’igihugu.
  5. Uhoraho Imana agira ashitse isezerano ku gihugu cacu c’Uburundi nk’uko yabihishuye kuva kera kandi n’ibindi bihugu bizokura akarorero ku gihugu cacu.
    Kubg’ivyo, nk’uko Uhoraho Imana yadusavye ku bitangariza Abarundi bose, dusavye umurundi wese, uwuri mu bihugu vyo hafi n’uwuri mu bihugu vya kure wese gutekera ibintu vyiwe vyose, ingo n’imiryango mwese mwitegurire gutaha mu gihugu canyu kuko kigira kironke amahoro y’intahava.
    Abari mu gihugu hagati mwese musabga kwitegurira gusanganira inganji y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo mu mpwemu no mu mubiri kuko igira yime ingoma ubudakuka mu gihugu cacu. Musabge gukwiragiza iri tangazo ku bantu bose.
    Umwami Yesu Kristo ni yamamare, Amen!